Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FRODEBU : Baremeza ko hatanguye itotezwa ryo kubahereza bose mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FRODEBU : Baremeza ko hatanguye itotezwa ryo kubahereza bose mu (...)

FRODEBU : Baremeza ko hatanguye itotezwa ryo kubahereza bose mu buroko

vendredi 16 Nzero 2015

Mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bariyamiriza ipfungwa ry’umukuru w’urwaruka rw’uyo mugambwe, ndetse bakaniyamiriza imyaka itanu yo gupfungwa yaciriwe icegera c’umukuru w’uyo mugambwe.

Leonce Ngendakumana umukuru w’umugambwe FRODEBU akaba n’umukuru w’urunani ADC Ikibiri, avuga ko kubona Patrick Nkurunziza atabwa muri yompi, Ferederiko Bamvuginyumvira nawe agacibwa umunyororo w’imyaka itanu, ari agatotezo babandanya kugirirwa. Avuga ko kuva aho urwo runani rutavuga rumwe n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, ruboneye amanyanga yose mw’itegurwa ry’amatora yo muri uyu mwaka w’2015, uwo mugambwe uri kubutegetsi waciye wijukira guhereza mu buroko abo bose batavuga rumwe n’uwo mugambwe.

Tukabibutsa ko Ferederiko Bamvuginyumvira asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU yaraye aciriwe gupfungwa imyaka itanu na sentare y’ukurwanya ibiturire, aho yagirizwa ko yashatse guha igiturire abaporisi, igihe yagirizwa ko yarenze ibigo. Mukamenya ko yanapfunzwe iminsi itari mike, abantu batandukanye basemerera ko yariko ararenganywa, ndetse ko ryari irementanya yariko aragirirwa n’abo batavuga rumwe mu vya poritike bari mu mugambwe CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • Turiyamirije abariko baratwaza umukazo kuko ibihe mwene ibi twari tuzi ko vyarangiye .Ariko ntihagire uwurota yibaza ko amase ya kera agishobora guhoma urutaro .Abarundi ntiduhobora kwemera gusubira inyuma nk’ibirenge muri démocratie.BATEGEREZWA KWEMERA VYANSE BIKUNZE IHIGANWA RITAGIRA AGAHONZI.Uburundi nimba batabibona bugire bube akarorero muri Africa mwitunganywa ry’amatora Leta nishire aho abarundi n’amakungu bariko barashira .Aho naho ni AMATORA ATAGIRA AKANENGE.Gupfunga uyu canke uriya ni uguta umutwe , canke kwibagira iyo uja n’abo muri kumwe.

  • Aba cndd-fdd bataye umutwe bagomba abo bisasira kuko gutwara vyabasheshe,nimubatahure.

  • Turasavye umuntu wese azoramutswa igihugu c’uBurundi guhera 2015 azogerageze uko bishobotse kose n’inguvu zose ahe ubwigenge abacamanza ""INDEPENDANCE DE LA MAGISTRATURE kandi yongere agire ikintu twokwita REFORME DE LA MAGISTRATURE
    - Kuko uravye ivyo aba camanza bariko bakorera abarundi c’est DE LA TYRRANIE umenga turacari muntwaro ya dictature
    - Abo bacamanza bose bakorera FDD CNDD ndabasavye mugire urutonde rwabo hanyuma 2015 tuze tubahe ikibanza babereye kuko ivyo bokora birateye isoni
    NAGAHINDA AHO ABATAVUGA RUMWE NA LETA YA cndd fdd basigaye baptungwa bakicwa bunyamaswa
    - kera twumva ngo abatutsi nibo barenganya abahutu , none gayemwe ndababaze iyi ntwaro tumazemwo 10 ans ntiyitirirwa abahutu , none ni kuki umuhutu wese avuze ibitagenda neza baca bacisha kubuhombo? umututsi nawe bakamwicisha inzara , none mubona ivyo twobigumamwo gushika ryari, harageze ko ibintu bihinduka kandi atari kera ,
    - Bahutu, namwe Batutsi bumutima gerageza ibintu bihinduke amazi atararenga inkombe , ari abapfa bapfe ariko abazosigara basigare babaho mumahoro umuntu arye utwiwe mumutekano

    - mbe ko Peter yavuze tolerance zero aho BAMVUNGINYUMVIRA Niwe ariko arya ibiturire kurusha izo nyamashwa , ayo masiha asahura COMME SI C’EST LA DERNIERE GENERATION DE LA PLANETE?
    - Dusenge IMANA yo rushobora vyose idukureko ayo mashetani ari kumutwe wuburundi
    QU’IL BRISE LES DENTS DE CES MECHANTS ET FRAPPE LA JOUE DE CES ENNEMIS DU BURUNDI .AMEN

  • Nayomategeko ntagira isoni nkabaciye urwo rubanza!naho vyoba ari ukuri mbega uwo mugore yaruwabapolisi canke yari uwaleta? mbega ho nimba yari uwa leta hanyuma akawuha umunyagihu we nyene leta,ntiwumva ko yari amata avyaye amasoro!leta yayinze naho niyemange ije kwa LE GENTIL!

  • Mbega intwaro y’umukazo weeeeeee! N’umuhisi Nelyson mandera yampfunzwe imyaka n’iyindi ariko amaherezo yarapfunguwe maze agaruka gutwara abari bamutaye muburoko! Impera n’imperuka a ab6 batwara ubucamanza uyumusi siho bahoze cri kandi siho bazokwama bari! Aba DD muzobazwa vyinsh!

  • Nukuri birababaje aho abantu bafatwa bazira kubera batari mu mugambwe uri kubutegtsi kuko bahereye kera barementanya.ko igisirikare cavuzeko batazi abateye none abo banye politique bari I bujumbura bazira ,nibashireahabona mwene kirya kiroberi amenyekane abarundi bose bamumenye bamenye ingene bamurwanya ,naho kumarira abantu mu gasho ngo nuko mutavuga rumwe ,emwe Imana irakwiye kugarukirauburundi bwarahumanijwe nabitwa ngo baraburongoye,uko biri kwose aba dd bari bakwiye kwikubita agashi kuko “NTA MVURA IDAHITAâ€

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.