Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu myaka 50 irangiye, igisata c’amagara y’abantu carateye imbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mu myaka 50 irangiye, igisata c’amagara y’abantu carateye imbere

Mu myaka 50 irangiye, igisata c’amagara y’abantu carateye imbere

mardi 27 Myandagaro 2013

Imyaka mirongo itanu irarangiye habaye amasezerano hagati ya Leta y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS). Ayo masezerano yo gukorera hamwe hagati ya Leta y’Uburundi n’ishirahamwe OMS yareweko umukono ku genekerezo rya 30 Myandagaro, umwaka w’1963 na muganga Pie Masumbuko, icegera c’umushikiranganji wa mbere akaba n’umushikiranganji w’amagara y’abantu n’abanyagihugu w’ico gihe hamwe na muganga Cambournac, umuyobozi wa OMS mu karere ka Afrika, ico gihe.

Mu gihe imyaka 50 izorumana neza ayo masezerano ateweko umukono, igenekerezo rya 30 Myandagaro 2013, uno munsi kuwa 26 Myandagaro akaba ariho batanguye guhimbazwa iyo myaka 50 ya yubile, aho hari hatumiwe abatumire batandukanye, nk’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, uwuserukira OMS mu Burundi, umushikiranganji w’amagara y’abantu, uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, abaserukira ubuserukizi bw’ihugu vyabo, umuyobozi mukuru wa INSP ari naho hahimbarijwe uno munsi ivyo birori, abakuru b’igisata vy’ubuvuzi muri kaminuza, abanyeshure bo gisata c’ubuvuzi, n’abandi bategetsi batandukanye.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ivyo birori, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyikiri yashimiye abatumire bari aho, yongera aranabakeza ku myaka 50 ya yubile ihaciye. Yashimye intambwe yahabaye mu gisata c’amagara y’abantu kuva mu mwaka w’1963 gushika ubu mu mwaka w’2013. Igitigiri c’abana bapfa bakiri bato caragabanutse gushika ku bice mu 40 kw’ijana, indwara z’ivyaduka nazo nyene ziragabanuka ku rugero ruboneka. Gervais Rufyikiri yahamagariye abari ngaho bose kwijukira kugira isuku ku mubiri no mu ngo zabo hamwe no kwigerera mu gufungura kugira birinde za ndwara zivuye ku gufungura nabi. Ntiyibagiye kwibutsa ko agakarata ko kwivurizako ari ka nkenerwa kugira umuntu wese ashobore kuronka ivya nkenerwa akenera mu gihe agiye kwivuza.

JPEG - 40.8 ko
Gervais Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Uwuserukira ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu (OMS) nawe, muganga Dramé Babacar mw’ijambo ryo guhimbaza iyo myaka 50 ya yubile yashikirije, yagaragaje umunezero afise ku masezerano yateweko umukono hagati ya Leta y’Uburundi n’ishiramwe OMS, aca aboneraho akaryo ko kuvuga ibikorwa vyaranguwe n’iryo shiramwe muri ino myaka 50 ihaciye. Yibukije ko ishirahamwe OMS ari urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisata c’amagara y’abantu, urwego rwashinzwe igenekerezo rya 7 Ndamukiza 1948. Urwo rwego rukaba rukorana kugeza ubu, n’ibihugu 194 harimwo n’Uburundi. Babacar yibukije n’intumbero ishirahamwe OMS rifise, iyo nayo akaba ariyo kuzamura amagara ameza ku bantu bose.

JPEG - 47.7 ko
Muganga Dramé Babacar, uwuserukira OMS mu Burundi

Sabine Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu yashimiye Leta y’Uburundi ku kungene idahengeshanya gushigikira ico gisata na cane cane kuri ayo masezerano yateweko umukono hagati ya Leta y’Uburundi n’ishirahamwe OMS kugira ico gisata kirushirizeho gutera imbere. Ati : "Inyuma y’imyaka 50 irangiye, harabaye uturusho tutari duke mu gisata c’amagara y’abantu n’aho hakiri utunenge tumwe tumwe tutarakosorwa. Hari indwara zibonekeza ico gihe ariko ubu zazimanganye."

JPEG - 44.5 ko
Muganga Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu

Sabine Ntakarutimana, arashima intambwe yahabaye mu gisata arongoye, ariko agasaba Leta y”uburundi n’abafasha Uburundi harimwo n’ishirahamwe OMS, kubandanya bashigikira igisata c’amagara y’abantu kugira batuze indwara zigize kayoberabahinga harimwo n’ikiza ca Cholera.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.