Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiteramo c’agakura na Gaby i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Igiteramo c’agakura na Gaby i Bujumbura

Igiteramo c’agakura na Gaby i Bujumbura

jeudi 21 Munyonyo 2013

Munzu y’ibiteramo ”Christian Life Ministries” yahoze yitwa Odeon Palace, hazobera igiteramo c’imboneka rimwe. Ni kuri uyu w’Imana Igenekerezo rya 24 Munyonyo 2013 igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba(18h 00).

Ico giteramo kizoremeshwa na Kamanzi Gaby aturuka mu gihugu c’Urwanda. “More than a song” bisobanurwa mu Kirundi ”Bisumba ururirimbo”n’umutwe w’ico giteramo”. Gaby asigura uwo mutwe ko kuri uwo munsi, ko atari kuririmbira Imana gusa, ari kuyirata, kuyitazira kuko kuririmba gusa ntivyoba bikwiye kuko n’abantu barabaririmbira, ariko Imana n’ukuyiha igisumba ururirimbo, kuko ari kibirengeye. Amenyesha ko kije gikwirikira ico yagiriye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante 2013. Ivyo biteramo bifise intumbero zibiri: gufashanya n’Abarundi kurata Imana, no kumenyesha CD yiwe irimwo indirimbo 11, harimwo nka: “Indirimbo ngutuye”, “wewe muremyi” , “amahoro”isanzwe ifise n’amasanamu, , n’izindi.

Gaby si ubwa mbere aje mu biteramo mu Burundi kuko yarafashanije na Alexis dusabe mu mwaka w’2005, asanzwe amaze kugirana ibiteramo n’abarundi. Kwinjira mu giteramo n’amahera y’amarundi 10.000frbu, i CD irimwo indirimbo ziwe izogurishwa amarundi 12.000frbu. Azoba afise abatumire nka Fortrand n’umurwi wiwe The worshipers, Patient Bizimana na wenyene ava mu Rwanda, Justin n’abandi.

Gaby rero aba mu gisagara ca Kigali mu karere ka Gikoto, yatanguye kuririmba mu mwaka wa 1997, ubu arahejeje urukwirikirane rwiwe rwa mbere. Arashima abantu bamukanguriye umwuga wiwe nabo ni Darlene aturuka mu gihugu ca Australiya na Nicole Smiley ava muri Reta zunzubumwe z’Amerika. Abo yumvise ingene baririmba batazira Imana, yumva muri we inguvu canke igishika kidasanze n’umuhamagaro wo kuririmba, arashima kandi Abarundi ukuntu bamwakira maze bakamufasha iyo ari mu Burundi.

Kaze rero muryoheranwe na Gaby mu giteramo co gutazira Imana yise”More Than a song”

Fyonda aha munsi wumvirize wongere urabe ururirimbo ni “wewe muremyi” rwa Kamanzi Gaby.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.