IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Muramvya: Abishe abantu baciriwe urubanza rw’ikibiriraho

Muramvya: Abishe abantu baciriwe urubanza rw’ikibiriraho

jeudi 30 Rusama 2013

Umugore aherutse kugandagura umugabo wiwe co kimwe n’umusore yagirijwe ko yishe uwo bavukana mu ntara ya Muramvya, baraciriwe urubanza na sentare yo muri iyo ntara ejo ku wa gatatu ku mugoroba igenekerezo rya 29 Rusama 2013.

Uyo mugore azwi kwizina rya Prisca Ndayisaba wo ku musozi Ruhinga mu ntara ya Muramvya, yaciriwe umunyororo w’imyaka mirongo ibiri kuko yagiriwe n’icaha co kwica umugabo wiwe kuri uyu wa 24 Rusama 2013. Urundi rubanza rwaciwe muri zimwe zikibiriraho, ni urubabza rw’umusore w’imyaka mirongo ibiri yagirijkwe ko yishe uwo bavukana amucumise imbugita kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Rusama 2013, akaba azwi kw’izina rya Diva Bigirimana ava ku musozi Busimba muri komine Muramvya, uwo nawe akaba yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Muri iyo ntara ya Muramvya nyene, hari akarwi k’abicanyi kateye ku musozi Nyarunazi uri muri komine Rutegama kuri uyu wa 28 Rusama 2013 mu masasita y’ijoro, maze ako karwi gaca kica umunyagihugu yari aryama mu nzu adandarizamwo.

Nk’uko musitanteri w’iyo komine yabimenyesheje, ako karwi ntikarafatwa, ariko inzego z’umutekano zifatanije n’abanyagihugu barriko baragira amatohoza kugira bafate abo bakoze ivyo. Ariko rero abo basuma bakaba atanakimwe bivye kuko bishe uyo musore baca bakura meza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.