IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri PARCEM bararajwe ishinga n’umwimbu uguma usubira inyuma

Muri PARCEM bararajwe ishinga n’umwimbu uguma usubira inyuma

vendredi 5 Nyakanga 2014

Ishirahamwe PARCEM riratewe impungenge n’ingene ubutunzi bw’igihugu buguma busubira inyuma, ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biguma vyiyongera, uturusho tw’umurengera kuri bamwe, hamwe n’umwimbu uguma usubira inyuma.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 5 Nyakanga, umukuru w’ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana amenyesha ko arajwe ishinga n’ingene mu gihugu c’Uburundi, Reta isa n’iyigisamaye kuvyo yategerezwa gukora ku bibazo nkoramutima nk’ubutunzi bw’igihugu buguma busubira inyuma. Ku vyerekeye kugwiza umwimbu n’ibiciro ingene vyifashe hamwe n’amatagisi aguma aduzwa, umukuru w’ishirahamwe PARCEM asanga kugwiza umwimbu vyagabanutse cane, uri ku bice 4 kw’ijana, mu gihe muri wa mugambi CSLP2 kugwizwa umwimbu hari hitezwe gushika ku bice 8 kw’ijana. Ivyo rero bituma ibiciro bica biduga, Reta kandi ikaguma iduza amatagisi. Ikindi muri PARCEM banegura n’ukungene Reta bisa n’ivyayinaniye gutunganya neza amafaranga ikoresha mu kubaho kwayo, kuko aguma yiyongera, Reta igaca iguma ifata amadeni mu mabanki menshi, ugasanga inyungu zarabaye nyinshi cane, ubu ikaba igeze ku miriyaridi 40 y’amadeni yafashwe gusa.

JPEG - 46.9 ko
Faustin Ndikumana arongoye PARCEM

Icerekeye uturusho, Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko ari akamaramaza kuko ubu uturusho tugera ku miriyaridi 60, amafaranga arenga mbere ayo Reta ikoresha, kuko ayo ari imiriyaridi 18. Muri PARCEM bavuga ko n’igisata c’abikorera utwabo cifashe nabi cane, kuko muri kino gihe amabanki asigaye agurana Reta aho kugurana abikorera utwabo.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM asaba ko hobaho ibiganiro, kuko ivyo bibazo vyose ari nkoramutima ku gihugu, Reta igakora ibishoboka vyose mu gutorera inyishu ivyo bibazo. Umukuru w’ishirahamwe PARCEM akaba ashikirije ayo makenga inyuma y’ivyegeranyo bibiri biheruka gusohorwa n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwerekana ingene Reta yakoresheje amafaranga gushika mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu, hamwe n’icegeranyo cashikirijwe n’ibanki nkuru y’igihugu ku vyerekeye poritike y’amafaranga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.