IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musitanteri wa komine Nyakabiga yinyegeje abamenyeshamakuru atumvirije (...)

Musitanteri wa komine Nyakabiga yinyegeje abamenyeshamakuru atumvirije n’ikibagenza

vendredi 16 Myandagaro 2013

Abarundi barayamaze bati: “Ijambo ntirivuga uwukuze rivuga uwurizi”, Uyu mugani uraba bamwe mu bategetsi babona abamenyeshamakuru bagahunga, nk’aho umenga bubutsweko n’inyamaswa. Ariko hakaba hari abandi, badatinya abo bajejwe kumenyesha inkuru abandi, bababonye babakirana urweze, bakabishura ku bibazo vyose baba bagomba kumenyesha abanyagihugu.

Muri aka gatondo, igihe abamenyeshamakuru ba IGIHE bariko barondera kumenya ukwo umunsi mukuru w’amakomine utunganijwe n’ukwo uteguwe kuri uyu wa 17 Myandagaro uyu mwaka muri komine arongoye. Musitanteri wa komine Nyakabiga Eric Nkurunziza yimye umubonano abo bamenyeshamakuru, atumvirije n’ikibagenza, mu gihe yabikuye ababarira ko ata mubonano basavye. Inyuma y’iminota itanu gusa asohotse kuyaga na bamwe mu bari mu rugo, yasubiye kubabona baje bamugana, aca ata ikiyago yariko agirana n’abo barikumwe, asubira mu biro, aca arugara, abababona wamenga hariko hakinwa bimwe kwinyegezanya. Amakuru twarondera twashoboye kuyaronka n’aho atariwe yayaduhaye.

Bamwe mubo bakorana, batumenyesheje ko munsi mukuru w’amakomine atawo bazi, ndetse n’intumbero yawo atayo baramenya gushika ubu. Bavuga ko bavyumva bivurwa ku maradiyo, ariko ata mutware w’iyo komine aragira ico ababariye. Ikindi batumenyesheje, ngo ni inama yoba ihava iba mu kanya, igahuza musitanteri n’inama mpanuzwajambo ya komine. No muri komine ya Kinama na Rohero n’ukwo nyene, uyo munsi bavuga ko ba musitanteri aribo boba bariko barawutegura barikumwe n’abagize inama mpanuzwajambo z’amakomine. Abategetsi banka gutanga umuco ku vyo abamenyeshamaukuru baba bagomba gushikiriza abanyagihugu, ngo ntaho bataniye n’ababa bipfuza kugumiza igihugu mu mwijima nk’uko bivurwa n’abanyagihugu bari baje kwitura musitanteri Eric Nkurunziza.

Mu ndwi iheze, umupfasoni arongoye komine ya Busoni iri mu ntara ya Kirundo Lewokadiya Kabihogo, yagiye abona abamenyeshamakuru bo ku maradiyo n’ibindi binyamakuru bitandukanye bamushikiriye mu gatondo baje bava i Bujumbura, arabakira, bahejeje kumwidondora araheza abaha umuco ku bibazo vyose bitandukanye bamubajije. Uyo mupfasoni rero akaba yarerekanye ko ari umutegetsi adatinya gutanga umuco ku bivurwa mw’ikomine arongoye, mu gihe yipfuza ko haba mu basomyi b’ibinyamakuru, canke mu bumviriza amaradiyo bomenya ivyaranguwe, nibigiye kurangurwa muri komine ya Busoni. Abategetsi rero barongoye abandi bahunga abamenyeshamakuru, bokwikebuka, kuko bari ngoho kugira batange umuco ku bikorwa baba bariko bararangura, kugira na ntaryo umunyagihugu amenye ibiriko birakorwa ku mugaragaro.

Uyo munsi mukuru w’amakomine ukaba wamenyeshejwe n’umukuru w’igihugu nyenicubahiro Petero Nkurunziza ku wa mbere Mukakaro, aho Uburundi bwariko burahimbaza imyaka 51 bumaze bwikukiye. Uyo munsi rero ukaba uzotuma imvukira z’amakomine zihurira hamwe zigasangira, ikinogo kiri hagati y’abize n’abatize kikavaho.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.