IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Evelyne Izobiriza yabogojwe mu mabanga yiwe

Muyinga : Evelyne Izobiriza yabogojwe mu mabanga yiwe

mercredi 4 Ruheshi 2014

Inyuma y’amezi icenda ari musitanteri wakomine ya Muyinga, Evelyne Izobiriza yaraye abogojwe n’abagize inama mpanuzwa jambo ya komine, aho cumi na babiri kuri cumi na batatu bari bitavye inama yabereye mw’ibanga basavye ko yosubirizwa.

Evelyne Izobiriza rero akaba yagirijwe ko yasesaguye amatungo ya komine, aho mu mezi ane gusa, yakoresheje igitoro kirenga ibihumbi bine, eka ndetse uwo mupfasoni yahora arongoye iyo komine akaba yagirizwa kuba yarasivye kenshi, ikindi yagirizwa n’ukuba adashoboye kurangura amabanga yo kurongora iyo komine, ikindi naco, akaba yagirizwa gutangisha amafaranga abavyeyi yo kwubaka amashure nshingiro kandi atagirishije inama ababijejwe.

Musitanteri we yaraye abogojwe akavuga ko arenganywa, ahubwo ko yanswe n’abo bagize inama mpanuzwajambo ya komine kuva kera. Asaba amatohoza ya sentare ijejwe kurwanya abarya ibiturire, kugira ukuri kuje ahabona, kuko we ivyo yagirizwa ari ibinyoma gusa.

Mukamenya ko Izobiriza Evelyne ava mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ariko kuva agenywe kuba musitanteri wa komine ya Muyinga, atigeze yoroherezwa nabo basangiye umugambwe, kuko bamye bagomba kumukura ariko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu agasukamwo mabisi. Uwo musitanteri ndetse n’itorwa ryiwe kuwa 3 Mukakaro umwaka uheze rikaba ritoroshe, kuko abagize inama mpanuzwajambo ya komine, bamwanse incuro zitatu zose.


Aristide Nizigire

Messages

  • Inama mpanuzwa jambo ya commune Muyinga bayikure ahubwo. uwo mukenyezi arashoboye kurangura neza amabanga yiwe mugabo kubigaragara iyo nama yamurwanije kuva akijakuntwaro. Bakure iyo nama bayisese batore indi kuko barasubiza inyuma commune muyinga mugutuma musitanteri atarangura neza amabanga yiweeee.

  • Inama mpanuzwa jambo ya commune Muyinga nikurwe kubera iriko ibbuza musiyanteri gukora akazu kiwe neza kdi aragashoboye. Iseswe

  • ABA DD IVYA GIHUTU NTIVYAHEZE KIRETSE UWO BASHAKA KO IMFASHANYO NKA NDUWIMANA !!!!ABANDI BATUTSI NI QUESTION KO BAKIMUKENEYE EREGA NUWOBA AHUMYE YOBIBONA..EREGA BABABATANZE AKANOTI NGO BABAHE UBU DEPUTE N IBINDI BIBANZA !!!!NIBAKANURE RERO BARWANIRE ACCORD D ARUSHA AHANDI HO BAZOBAKOROPESHA YEMWE!!!ABAGORE BO BARAZI ICO BABAKOZA IYO BASHATSE YEMWE DD IVYAYO NI AGASENGA...

  • NI UKO NYENE ATACO NDI BUHINDURE KU VYABAYE, ARIKO IRYO KURWA NTIRYOBA RYAKURIKIJE AMATEGEKO, NI RYABA RIRI MU KURI NI BATABAZE ANTI CORRUPTION KUKO IVYO BIRASHOBORA GUTUMA HABA ICUKA KIBI KU BASHIGIKIYE IZOBIRIRZA N’ABANDI" MPANUZWAJAMBO" KUKO MURAZI IVY’UBU KO ARI....NONE MWUMVA KUMUKURA ARIWO MUTI, CANKE HOKURIKIRA UBUTUNGANE, SOCIETE CIVILE URI HEHE?

  • NI UKO NYENE ATACO NDI BUHINDURE KU VYABAYE, ARIKO IRYO KURWA NTIRYOBA RYAKURIKIJE AMATEGEKO, NI RYABA RIRI MU KURI NI BATABAZE ANTI CORRUPTION KUKO IVYO BIRASHOBORA GUTUMA HABA ICUKA KIBI KU BASHIGIKIYE IZOBIRIRZA N’ABANDI" MPANUZWAJAMBO" KUKO MURAZI IVY’UBU KO ARI....NONE MWUMVA KUMUKURA ARIWO MUTI, CANKE HOKURIKIRA UBUTUNGANE, SOCIETE CIVILE URI HEHE?

  • mbega mwebwe ntimurabira kubandi,ntimuterimbere kubera politique ikiri inyuma cane,none n’uwariko aratezimbere ikomine ya muyinga ko mutamukeneye muzomurushiki iyo murindira agaheza mandat yiwe neza,mwoba ivyo mukora munyegeje ntibibatezimbere biriko birabasubiza inyuma mwese usunika umutegetsi ngo aje imbere aj’imbere nawe mugabo umukwega ngo asubire inyuma asubirana inyuma nawe kuko bari kumurongo umwe si amasiganwa barimwo,nta wuca ishami jy’igiti yicayeho

  • oho! erega aba dd ntibabahende ngo ivya moko vyaraheze! none aha barimo bakora iki ? Ntibamutoteje kubera ubwoko? Ariko abo bagore nabo b’abatutsikazi bagiye muri uyo mugambwe, bamenyeko ata shamba bajanyemwo n’izo nyeshamba ko bazokwama babatoteza, ndetse ngo banabagira n’abahabara babo! ariko rero ngo"uwigize igitebo bamuyoza amase". Ni batihagararako barabandanya babona ibara!

  • - BASHA NTA MVURA IDAHITA BURYA BU MALAYA AHENDESHA ABAGABO NGO BAGUME BAMUVUGIRA BUZOHERA
    - IVYO BITURIRE AHA ABAGABO B’INDRYAMUNYU NGO BAMUVUGIRE BIZOMUGARAGAZA
    - YANANIWE IBANGA RYO KURERA ABO UMUKAMA YAMUHAYE NGO ASHOBORA IKOMINE YO KUMURWA MUKURU?
    - IYO SHETANI YATEYE KOMINE YA MUYINGA IMANA IZOYIRANDURANA N,IMIZI BA BAGABO BAMWIRUKINYUMA BARORERA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.