IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Inzara yahitanye ubuzima bw’abanyagihugu batandatu

Muyinga : Inzara yahitanye ubuzima bw’abanyagihugu batandatu

mercredi 18 Ntwarante 2015, par Egide N

Abanyagihugu bo mu kigwati c’amahoro c’i Nyarunazi muri komine Buhinyuza, intara ya Muyinga, bararembejwe n’inzara. Batandatu muri abo banyagihugu baramaze kwitaba Imana bahitanywe n’ikigoyi.

Ikigwati c’amahoro c’i Nyarunazi kirimwo abanyagihugu bamaze imyaka igera ku munani bugarijwe n’ibibazo vy’ubukene, bikunyurwa n’ukubura aho barima, hamwe n’ingwara zidasiba kubatera, harimwo n’umugera wa SIDA wibonekeza muri ico kirwati. Kuri ivyo bibazo, hiyongerako inzara yateye muri ico kirwati. Abanyagihugu b’aho i Nyarunazi bemeza ko imfashanyo z’indya z’inticantikize zigizwe n’ibiro bitanu vy’umuceri ku muryango bahora bahabwa n’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda baheruka kuzironka mu kwezi kwa Kigarama.
Ingaruka z’ico kigoyi zigaca ziba ugutakaza ubuzima kw’abo banyagihugu. Muri ico kigwati baharura abantu bagera kuri batandatu bamaze kwitaba Imana, kubera kubura utwo batamira.

Musitanteri wa komine Buhinyuza yemeza ko abo banyagihugu bahitanwa n’ingwara harimwo umugera wa SIDA, uhubwo ko inzara iza gusongera isibe.

Abo banyagihugu bo mu kigwati c’amahoro c’i Nyarunazi bagasaba ko bokomorerwa amatongo bamaze imyaka umunani basaba Reta, kugira nabo baronke aho bakubita isuka, mu kurwanya inzara.


Egide Nduwimana

Messages

  • Uwomustanteri ivyavuze nivyo SIDA yonyene ntiyica umuntu haza utunditurwara dutandukanye tukakujogonyora ariko iyo utwoturwara tukujeko tugasanga ufise umugera WA SIDA biroroha kucupfa, ariko utwoturwara tukujeko utaewaye SIDA ushibora kudapfa, nicogituma nemeranya nuwo Mustanteri kuko kwicwaninzara bishoborakuba atarivyo ahumwo ugasanga umuntu kugira ubukene butuma ataryaneza anarwaye SIDA natwaturwaranababwiye ivyovyose nivyobivyara urupfu. Nicogituma nteyakamo Ko abobose batize icobofashisha abobantu nibanyaruke babafase kandi babafashe kubifungurwa bibafitiye akamaro nacanecane abobafise umugera kuko uwufose uwomugera akeneye imfungurwa zidasanzwe sinkabatawufise bashoborakwifungurira icobabonyecose bakazokwiberaho imyaka nimyanuko uwurwaye umugera ampuye kurya ivyarivyose navyobishobora kumureganura agapfigihe kitarico, ikindi nukubarosa imiti ipfupfahaza uwomugera, arikorero murabizi umuntu adafise aharina twumvise ngaha ategerezwa kuzaragemurirwa ivyafungura hafinahafi.Ndafise inamazibiri nogira reta kurabobantubatagira ahobarima ubwanbere kubarosa ahobariba, ubwakabiri kubaronderera ubukazi butandukanye burinwo ubushobora gukorwa nabatize, ubworero itongoryumuntu kakaba akazikamuha amahera, uyundinwanya ndashobora kuzakubabwira ukohoboneka akazi.

  • INZIRA ZIBIRI RETA YOCANWO MUKUROSA AMATONGO ABATAYAFISE NIZIZIKURIKIRA:
    Reta nambifise amatongo yoha abantu batagira ahobarima yoyabaha ariko ukozi u Burundi mengontahariho, ico atihwe.
    Nagerageje kuvugana nabamwe mubarundi babamybihugu vyateyimbere mazendababazanti: Mbega komwebwe ubaye mwivyobihugu vyateyimbere biraborohera kuronka ahomurima? Baranfahiye Ko icogikorwa cokurima aricabantu bakonakomeye batize ubutunzi, nanjenti’ nonemubahogute!? Atiturakorakazi tugaheza tukaronka amahera yogusuma nokukota inzuzokubamwo, ndogerandabazanti?’ None nkabariyo badafise amashure asheneye barahezabakaronkakazi? Banyishuyeko hariho ubukazibwabize cane nabizebibayabaye atekanabatize harihubukazibwabo, narababajije ubwaribwo barabumbariye arikosindosakanya kokububabwira icongombakubabwire niconaciyembona kocoshoboka nongaha iwacu Burundi mazekwumvako batabeshejweho nukobafise amatongo ahubwobabeshejweho nogukora akazi. Naciye niyumvishako reta yokora iyobwabaye igasbora amahera muma komine nkayose agize u Burundi maze ikabanza kuzirareba igikorwakibereye gukorerwa muriburi komine maze ikagitanguza noneho mugutangakazi bakazohera kuribandi batagira amatongo kandibatagira icobakora ariko simvuze abagujije amatongoyabo kukagagazo nkuko hariho abarundi usanga baragujije ubutunzibwabo gushikanaho basigara basabiriza. Mutitubwire izo poroje (projects) reta yotanguza zobankizihe? Rekandabahe akarorero kamwe, twisunzeko ibikorwa vyokwubaka bitazigera bihagarara ekambere nubwo bizokomezavyongerekano reta canke ishirahamwe ryogendera muntumbero ya reta yoguhakazi abatagafise batanagira ahokurima, hoshirwaho ihinguriro rinini rihingura amatafani yamoko atandukanye kandi afise nibiciro bitandukanye hagacorerwa nivyovyose bijanyenavyo nkamatigura,amakaro, hakababo ibizokorwa namabokoyabantu nibisbobora gukorwa namamashine, hanyuma hakababo Imana ningingoko uwowese afise akazi canke arose akazi mugihuguciwe Ko ategerezwa gukurwako udufrangadukeya twokuja gufasha baryabatararonka akazi batanafise ahobarima, uwokurwaho utwodufranga nuyuhe? Nuwowese arosakazi muri reta canke mumashirahamwe yigenga, ariko mukutumukurako bokorasha ama percent yamahera amorera aruwukorera ibihumbi 10 bakamukurako amafranga 10 birumvikanako uwukorera ibihumbi 100 bocabamukurako amafranga 100 ivyokugirabikorwe nukwiyumvamwo ryabwirizwa ryitwango’ Ukunde mugenzawe nkukowikunda bitabayivyo uwozana uwomugambi yocabumwansi. Ndashobora kuzozana indimigambi. Inzirazokuronderakazi ibisbomeri murirusangi ninziza ariko niyinzira yokuronderera akazi abizenabatize irakwiye kwirwa kandigasbigikirwa na reta nabandi bagiraneza.

  • Yoo!!! Birababaje Ahubwo Yes’akwiye Kuza

  • Nukuri Uwogira Icoyirengeje Nanyaruke Gufasha Benewacu.Mboneyeho Nakaryo Kokumenyesha Yuko Uwogira Umwana Wumukoba Atarenza Imyaka Icenda Yomumpa Nkamwitungira Mba Mugatumba Nkavuka Mugiteranyi Uwuzomuronka Anzotrephone Kuri Telephone71922126-76911280-75225765 Murakoze

  • Mu Burundi ntihari bwagere ko hagighwa ibigwati nabatwara ntibnafivyobarya none uwu munyagihugu yohaba gute nibareke kubichisha ikigoyi bonyene birighwa bararyana kuberinzara canke babahe aho barima ikjumbu ayo mashirahamwe yirigwa aravuga nikuki abo bantu itobavugira barekwa kwitsishwa inzara bose nibareke guhenda abanyagihugu turazi nabonyene ninzara novuga sinoheza abartundi turazinanyi

  • Mu Burundi ntihari bwagere ko hagighwa ibigwati nabatwara ntibnafivyobarya none uwu munyagihugu yohaba gute nibareke kubichisha ikigoyi bonyene birighwa bararyana kuberinzara canke babahe aho barima ikjumbu ayo mashirahamwe yirigwa aravuga nikuki abo bantu itobavugira barekwa kwitsishwa inzara bose nibareke guhenda abanyagihugu turazi nabonyene ninzara novuga sinoheza abartundi turazinanyi

  • Aha wosanga aribamwe Leta yahungura marimari ibahenda ngo bazoshikira mu matongo yabo abatayafise nabo ngo izobaronderera. None ko tuzi Peter yigaruriye amatongo mu gihugu cose, nibayashwiragire bayarime , siwe yabahenze. Wewe woshobora kwegeraniriza abantu mu kigwati nta dukorwa tw’ urucuru, ntaho barima ugaca wibaza ko bazobaho gute? Nibabone ko bsbaronderako amajwi kugira bidhikire kuvyo bashaka, ibisigaye sikazima atawiwabo arimwo.

  • ubo nibugome bwa pita ashakakubashira abanyagihugu bose muva kubera ibibi na mafuti yakoze mugihugu chiwachu.natwe nitukamutore kandi atugwaze yangara ya masasu!.

  • NDABARAMUKIJE NONGERA NDABAHA IKAZE MURI TANZANIA NDIPFUZA YUKO ABARUNDI BOKUNDANA ABISHOBORA HAMWE NA RETA YIGIHUGU CACU YO BAFASHA KUKU NABO N’ABANTU NKATWE UYU MUSI NIWEWE EJO NIJEWE NITWA NDAYISABA SALIM IMBA MURI TANZANIA ND’UMURUNDI NAVUKIYE MURI PROVINCE MUYINGA COMUNE GITERANYI ZONE RUZO SECTEUR NZOVE KURI LAC RWERU MURAKOZE IMANA IBAHE UMUGISHA HAMWE N’UBUZIMA BWIZA .

  • ndagize amahoro y,Imana Abanenamwe ndipfuza Abobantu kobofashwavyihuta kukouyumuzi nibo nijew ndavye reta yokwig icokibazo nabo,bakaronka ah bakuta isukawobamukoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.