Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyira : Abanyagihugu bandikiye ikete Parfait Onanga Anyanga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muyira : Abanyagihugu bandikiye ikete Parfait Onanga Anyanga

Muyira : Abanyagihugu bandikiye ikete Parfait Onanga Anyanga

samedi 1er Munyonyo 2014

Abantu bagera kuri 76 bose bavuka muri komine ya Kanyosha mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura Rural, bateye umukono ku rwandiko aho basaba ko umutekano w’ako gace wokwitabwaho gusumba.

Muri urwo rwandiko barungikiye uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, abo banyagihugu bateye umukono kuri urwo rwandiko bavuga ko bamwe mu bayoboke b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD bacuditse n’umurwi umaze iminsi ubahungabanya, umurwi w’itwaje ibirwanisho abo banyagihugu bavuga ko woba wavuye i Kiliba – Ondes muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Muri urwo rwandiko kandi, abo banyagihugu bakaba bavuga amazina y’abantu nka Samuel Ntaryabasovye arongoye urwego rw’igendereza mu ntara ya Bujumbura, Gédéon Mpitabavuma , arongoye Zone ya Muyira hamwe n’uwundi yitwa Jérémie Nkinahatemba umutegetsi mu bushikiranganji bw’ibidukikije. Abo bateye umukono kuri urwo rwandiko bakavuga ko abayobozi b’amashure yisumbuye ya Muyira na Kirombwe ko aribo bakora ibishoboka kugira abagize iyo mirwi ironke aho barara.

JPEG - 82.2 ko
Photo : ISANGANIRO

Muri urwo rwadiko abo banyagihugu bakaba basaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryofasha mu gusaba Reta y’Uburundi gucungera abanyagihugu bose, ndetse n’urughigi bavuga ko rwatanguye rw’abantu batavuga rumwe n’ubutegetsi rugahagarara. Abo banyagihugu bateye umukono kuri urwo rwandiko bakemeza ko abo banywanyi b’umugambwe CNDD FDD bariko bakora ivyo, ari mu ntumbero yo kubaca ivutu, kugira bave inyuma y’uwo wese atavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi na cane cane abasanzwe bakiyoboka Agathon Rwasa nk’umukuru w’umugambwe FNL.

Gédéon Mpitabakana umukuru wa zone ya Muyira, umwe mu batungwa agatoke n’abo banyagihugu, amenyesha ko atoba arongoye zone ngo yongere aje mu bahungabanya umutekano. Akavuga ko ahubwo hari bamwe mu bantu bariko barakoreshwa n’abanyeporitike mu kubacafuza.


Aristide Nizigire

Messages

  • MuRwanda vyatanguye uko !!! bihereza gusenyura ubutegetsi,bamwe mubabiri inyuma ubu barinyuma yi miryango ya magereza kwisis yose !!!! komeza komeza

  • Nukwihangana .Erega babikora babizi

  • IVYO NTAWOVYEMEZA KUKO HARI IMVUGO MUBIHUGU VYO HANZE..ABARUNDI TURIKUMWE BAMWE BAMWE BARATUBWIRA KO FNL YA RWASA VYANKA BIKUNDA ITEGEREZWA GUTERA INTAMBARA UBWO RERO AKO KARWI MURARABA KW ARIMVUGAKURI CANKE KW AR IBIKORESHO .

  • Wesha wa mugabo wiyita Mahoro urakomeye mu mutwe? Ko ivyo bijuju vyaba Hutu Ngo naba DD ntamutima bigira uyo Rwasa mwamiza mukanwa iyo ABA Hutu tutamubona ayo manyembwa mwigira ubu ntimuba mwishwe namavunja mu makambi Yi Tanzania naho BA Nkurunziza imva zabo ntiziba zaramezeko ivyatsi? Uritonde kuko hamwe mwo subira kutwicira umuntu numwe Ngo numu Hutu Wo muri FNL iyoboka Rwasa muzo mubazwa. Nkurunziza turamurindiriye I Cape Town tumwereke.

  • @Mahoro,ko uvuze ko hari abababwira yuko FNL itegerezwa gutanguraintambara,vy’ukuri n’iyo iriko itegura imboneramunyo I Kiliba-Ondes,ibategura mukwica,gusahura,gutera ubwoba,ect!?Abo bamaze abantu mu Burundi ni FNL?Abo bariko bashaka gutera akajagari mumatorani FNL canke Rwasa!?Abo baguma bakoreshaimvugo y’ugukomantaza umutima n’ubwishime n’akagaye kenshi envers abarundi bene wabo ni FNL canke RWASA!?Mwari mukwiye kwiyubarakugira ntimuzinduke murwa munyo muyita intonga.Kuko no mu RWANDA nta mutegetsin’umwe yigeze yemera ko hari ibiriko biraba n’uruhara rwabo!Namwe keba mbote!

  • Nawesha Ntwari urazohendabandi ntuzohende abarundi, Kukontakuntu wovugango ibijujuvyabahutu nguheze ngubukibaye uwukundavyukuri uwo Rwasa niyaba yokwemera urumukunziwiwe wukuri azobayongeye kwizera bakidovyi ubugirakandi. Ntari niwabona umuntu wikijuju urazovugako arikijuju kugatwekiwe nayokuvuga ngo mwabijujumwe vyabahutu bizokwamavyaguteranije nabeshi mbaka noku Mana.

  • Mbeganone Pieter Nk,koyavuze ko uzotanguza intambara ize iran irangirire munziwe none avuga iki kuvyo dd yiwe iriko irakwega?murarabaneza. Kiliba ondel ntizijana, abari bajejwekwubaka noneho nibo bene gusambura!!ohoooooo!!!!!ngaho umunana uratanguye gutembagara amaduga !!!

  • Abahutu mwataye iragi ryanyu kera kuko muhamagariwe kurima ibiyaya n’imisozi mugatikura. Gutwara vyabananiye, amakungu yararindiriye ngo arabe ko mwakwinyakura none vyanse, muriko murikoza isoni. Iyo mbonye ibihutu bifise inguvu birwanira gutwara numva baba bononye inguvu bafise mu maboko, please genda murime ibikonkwane murwanye iyi nzara yabaye ndanse mu gihugu kandi muheze mushore no ku masoko mpuzamakungu.

  • Imisi yose amatora yimirije turazi ko mutabura akantu muzana mugabo ntaco uko mwabikoze kwose Imana yamye ihagararira igihugu cacu iciza kigatsinda ikibi.

  • Bantu bi Mana jewe nanje nvuka aho ku Muyira, Ndabasaba mwese abarundi gushira hamwe mukundane ,sinzi komusobanukiwe namagogwa twese twaciyemwo benshi barafuye bazize uko baremwe . Ndabinginze ngomuve murako kajagari kabanyapolitike abadasangiye imigambwe nibo bansi banyu ahubwo umwansi wanyu ni shetani mwese muravukana, abo mwisunga ngo nibomuza kuregako . Ndababwire ukuri ,bamwe baratugwanije ntibashaka komugira democrasi,batwica barorera .kandi mukirundi bavuga ngo uwusenya urwiwe bamutiza umuhoro,Kandi abatugize abaja imyaka ni mwaka batunereje kugira vyabindi bagize Kandi ababashigikite murivyo bikorwa bibi , nubu bashobora kubigira ,Igihugu kimwe nico citanze mwisi yose ngo mubone iyi democrasi abandi turazi aho bari bahengamiye ,Ndabinginze bene wacu mube maso muje mumatora atagutongana canke kubesheranira Abanyagihugu abo bazohitamwo nibo bazotwara. Ndafise ubwoba ko inganji ya democrasi mufise ishobora kubaca mumyanya yintoke ,bizogera ko ababatwaye kera bazofata ubutegetsi kunguvu bagire ngo mwese vyabananiye .Mbega wowe uvuga ivyo muzosubira mubuja nku bwambwere niba arico wifuza naco . nibaza ko ataneza wifuriza bene wanyu,Tegera mumatora hose kwisi yose abantu barabesheranira urabaza na Onyanga canke uze usimbe uje i Bulaya canke muri Amerika ,mumatora basa na bitana ba mwana ariko amatora aheze bagakundana .Ndabasaba mbinginga murabe imbere iyo muja utatwaye muruyu mwaka ikindi gihe nawe azoramukirwa ariko ntihakagire abarwana nagato mwese murabavukana niwerekane ko muri abantu bukuri ni Jambo mwirinde kuyovya abantu.Hanurane mwese amazi ntararenga inkombe mwigenze neza .Tubasabira ku Mana ngo ibahe amahoro musenge Imana yaturemwe, ibiraha mwisi vyose nubusa mumenye ko Yesu Kristo agiye kuza iherezo rya vyose riri hafi .Mukundane mwese nkuko Kristo yadukunze

  • Nkuko Gahutu Rémy imboneza mukurwanira agateka kabashinyijwe yamye abivuga kandi akabisaba ntimugacike intege, ahubwo haguruka nuwutavuze arapfa isaha yiwe igeze kandi ntamukuru wukuzimu, mwibuke ko wanka gusesa amaraso yawe kubwukuri imbwa zikazoyamenera ubusa. Ngaho rero nabandi haguruka twikureko agacinyizo maze ayacu aseseke ariko abacu bazobeho mwituze. Kanguke aho iwanyu mwese atabwoba nkabo muri Burkinafaso.

  • Nzobandora .Uburundi butagarukiwe na rurema buragiye gutongoka vuba. None ga hoho bamwe ni baja kurima abandi bakaja kuragira hazatwara bande ko mbona Imana itarenganya yatanze ibikorwa kama kuri bose n’abibumbira bihoreye!

  • Mbeshahu Ntikarahera, banzurebe iyuri distances zihari ugereranyije nu Burundi iyoburi ubona ivyuvuga mubobikora wswe wobamwo? Ivyomukirundi tuvyita gushushuruhingi, cokimwe noguhenda umuntu murikumwe ngomusimbire rimwe mumanga maze mugaharura ngo rimwe,kabiri,gatatu mazeumwewahenze agasimbira mwicokinogo hanyuma ugasigarawisekera uvugango ibijujubirama!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.