Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
New World Wealth casohoye urutonde rw’ibihugu vy’Afrika bifise abarwizatunga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > New World Wealth casohoye urutonde rw’ibihugu vy’Afrika bifise abarwizatunga (...)

New World Wealth casohoye urutonde rw’ibihugu vy’Afrika bifise abarwizatunga benshi

mardi 10 Nyakanga 2013

Igihugu ca Afrika y’Epfo nico kiza ubwa mbere mu bihugu vy’Afrika yose, mu kugira abarwizatunga benshi. Uwuza ubwa mbere akaba ari umunyafrika y’Epfo yitwa Patrice Motsepe, umurwizatumga akorera muvy’ubutare.

Patrice Motsepe, umurwizatunga wo muri Afrika y'Epfo

Muri iki kinjana giheze, abarwizatunga muri Afrika bararwiriye. Igihugu ca Cote d’Ivoire kikaka kiri mu bihugu vy’Afrika kizoba gifise abarwizatunga benshi gushika mu mwaka w’2020, uravye umuvuduko bariko mu vy’ubudandaji. Ivyo bikaba bishizwe ahabona n’ikigo New World Wealth, ikigo c’ubushakashatsi co mu gihugu c’Ubwongereza, cashize ahabona ibihugu icumi biza ubwambere mu kugira abarwizatunga benshi.

Kuri urwo rutonde kandi, ibihugu 5 vya Afrika y’Uburengero, vyaronse ikibanza, ari vyo Libiya, Tuniziya, Maroc, Algeriya na Misiri. Kuri urwo rutonde nyene, New World Wealth cashize ahabona ibisagara biza ubwa mbere ku barwizatunga.

1. Johannesburg igisagara c’ubudandaji ca Afrika y’Epfo kiza ubwa mbere n’abarwizatunga bashika ku 23400.

2. Igisagara ca Kayiro mu Misiri, igisagara gisanzwe ari n’umurwa mukuru kiza ubwa kabiri, ku barwizatunga bashika 1230.

3. Igisagara ca Lagos naco muri Nigeria, kiza ubugira gatatu, kikaba gifise abarwizatunga bashika ku 9800

4. Ubwa kane naho, igisagara ca Accra, umurwamukuru w’igihugu ca Ghana, ubu giharura abarwizatunga barenga ibihumbi 8, mu gihe mu 2020, gishobora kuzoba gifise abarwizatunga batari munsi y’9500.

New World Wealth kikaba caciye gitanga amazina y’ibihugu icumi vy’Afrika, bifise abarwizatunga benshi kuruta abandi. Ivyo navyo bikurikirana uku :

1 Igihugu c’Afrika y’Epfo nico kiza ubwa mbere, ku barwizatunga 48800

2. Igihugu ca Misiri naco gifise abarwizatunga ibihumbi 23000

3 Nigeria gisanzwe arico cimbura ibitoro vyinshi muri Afrika iza ubwa gatatu n’abarwizatunga 15900

4. Igihugu ca Kenya gisanzwe kiri mu bihugu bigize umuryango w’Afrika
y’Ubuseruko, kiza mu bibanza vyiza kuko gifise abarwizatunga bashika ku 8400

5 Igihugu ca Tuniziya naco gifise 6500

6 Igihugu ca Angola, gifise abarwizatunga bagera ku bihumbi 6400

7 Igihugu ca Libiya naco kikaba kiza kumwanya w’indwi naho caciye mu ngorane zidasanzwe z’umutekano, kikaba gifise abarwizatunga bagera ku 6400

8 Igihugu ca Tanzaniya naconyene gisanzwe kiri mu bihugu bitanu bigize umuryango wa Afrika y’Uubuseruko, naco gifise abarwizatunga 5700

9 Hakurikira igihugu ca Maroc gifise abarwizatunga 4900

10 Igihugu ca Algeriya naco kikaba arico gihereza urutonde ku barwizatunga 4100.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.