Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Neymar yitezwe ubudasanzwe mu murwi wa FC Barcelone - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Neymar yitezwe ubudasanzwe mu murwi wa FC Barcelone

Neymar yitezwe ubudasanzwe mu murwi wa FC Barcelone

lundi 3 Ruheshi 2013

Ku mugoroba w’uyu wa mbere, mu murwi wa FC Barcelone, haritezwe n’igishika cinshi Neymar umukinyi mushasha aje ava mu gihugu ca Brezire mu murwi wa Santos FC.

Umusatirizi akomoka muri Brezire, Neymar, ashika kuri uyu mugoroba mu gihugu ca Espanye. Akaba aje gushira igikumu ku masezerano yo gukinira umurwi wa Barcelone. Ayo masezerano akaba ari ayimyaka itanu. Neymar aguzwe amahera y’amanyaburaya yababa imiriyoni 50 avuga ko kuja mu murwi wa Barcelone ari ibintu yiyumviriye cane umwanya utari muto. Kuko yagumye yijijanya imitima: kuja mu murwi wa Real de Mardid, aho Ronaldo, Kaka, Marcelo n’abandi baguma bamuhanura kuja muri wo canke kuja muri FC Barcelone aho Messi na bagenzi we bamuha ikaze. Nkuko yivugira ngo ni iteka rinini kuzokinana na Messi n’uwaronse umupira w’inzahabu. Na Messi ubwiwe avuga ko afise igisharara cinshi co gukinana na Neymar.

FC Barcelone ikaba yamurungikiye indege ija ku murerura wanyene imukura muri Brezire. Kuri uyu mugoroba rero niho haza no kuba ibirori vyo ku mwereka abakunzi b’umurwi wa FC Barcelone. Hakaba hitezwe abantu barenga ibihumbi 50. Akazoba asumbije igitigiri cabaje kwakira umukinyi Zlatan Ibrahimovic mu mwaka w’2009. Inyuma yivyo birori, hategekanywa ko uyo musatirizi mushasha wa FC Barcelone aca atanga ikiganiro ca mberekubemenyeshamakuru ka mukinyi wa FC Barcelone.

Neymar da Silva Santos Júnior akaba yavukiye mu gisagara ca Sao Paulo mu gihugu ca Brezile. Aho hari kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 1992. Yabaye umukinyi wa mbere yigenjeje neza muri Amerika y’Ubumanuko mu mwaka w’2011 n’2012. Abakurikirana ivyumupira w’amaguru bakavuga ko ari n’umukinyi wa kabiri yinjiza ibitsindo vyinshi inyuma y’umukinyi Lionnel Messi. Barongera bakavugako umurwi wa FC Barcelone ugiye kuba mu mirwi ihagaze neza mu bakinyi bimbere kubera Neymar na Messi bazoba barikume.


Luc-Noel INGABIRE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.