Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Abanyagihugu barabangamiwe na marariya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ngozi : Abanyagihugu barabangamiwe na marariya

Ngozi : Abanyagihugu barabangamiwe na marariya

samedi 9 Munyonyo 2013

Indwara ya marariya irabangamiye abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ku buryo hatagize igikorwa igiye gufatwa nk’ikiza muri iyo ntara. Amavuriro amenyesha ko arengerwa n’abantu bayitura ku bwinshi.

Abanyagihugu baharurwa mu bihumbi bine ku ndwi nibo bitura amavuriro ari mu ntara ya Ngozi kuva mu kwezi kwa Nyakanga uwu mwaka turimwo. Abajewe ubuvuzi muri iyo ntara ya Ngozi bamenyesha ko vyoba biva ku misegetera irimwo imiti yica imibu abo banyagihugu boba badafise, abayifise nabo ugasanga ntibazi neza kuyikoresha, canke ugasanga ata miti yica imibu ikirimwo.

Eliya Bizindavyi arongoye intara y’ubuvuzi ya Ngozi amenyesha iyo ngwara ya Marariya yoba iriko iterwa n’imisegetera isigaye ari mike mu banyagihugu, kuko baheruka kuyironswa mu mwaka w’2009.
Uwo arongoye intara y’ubuvuzi ya Ngozi amenyesha ko bariko barakora urusansuma kugira bamenye abanyagihugu bakeneye iyo misegetera, kugira mu ntango mu ntango z’umwaka w’2014 bazoshobore kuyironsa abo banyagihugu.

Mwomenya ko ahabangamiwe cane ari mu makomine ya Kiremba na Buye


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.