Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : ADC Ikibiri yiganye Imbonerakure kugira ikarashishi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Ngozi : ADC Ikibiri yiganye Imbonerakure kugira ikarashishi

Ngozi : ADC Ikibiri yiganye Imbonerakure kugira ikarashishi

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Umukuru w’umugambwe MSD mu ntara ya Ngozi yitwariwe na buramatari w’iyo ntara ko mw’ikarashishi yagizwe n’abanywanyi ba ADC Ikibiri batutse umukuru w’igihugu.

Deo Gasamagera arongoye MSD mu ntara ya Ngozi uretse ko yagirizwa ko abagize ikarashishi ku munsi w’Imana igenekerezo rya 19 Ndamukiza batari babifitiye uruhusha, n’abagize iyo karashishi bagirizwa ko bartyoje umukuru w’igihugu. Buramatari w’intara ya Ngozi Claude Nahayo, akavuga ko amakarashishi yabujijwe n’umushikirangani w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Ariko naho avuga uko, urwaruka rwo mu mugambwe CNDD FDD Imbonerakure zo mu ntara ya Ngozi, bakaba bari bagize ikarashishi ku murwa mukuru w’iyo ntara, aho abo bari muri mu mugambwe CNDD FDD bavuga bati :’’ Twarahiye yemwe twarahiye Pita Nkurunziza azitoza’’. Bukeye abari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri nabo baca bihereza igisagara ca Ngozi bati :’’ Twarahiye yemwe twarahiye Pita niyitoza azoja i La Haye’’.

Umutahe rero urengutsa Deo Gasamagera arongoye MSD i Ngozi akaba ategerezwa kuwitaba kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 22 Ndamukiza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ingendo yuwundi iravuna,

  • Numva atacotuma arengutswa kiretse akarenganyo nico twokwita umwana nikinono!Democratie mugihugu cacu iracarikure!Hari ico bita :"Loi du jungle ou loi de la forêt"Ariko mbivuge buhoro ntihagire n’inyoni irigurukana ngonshengezwe!

  • Naho mwidadira ga basha muratinya ikibiri basi, uuuuuuuuuuuaa , mbe mwagomba bavuge ko BAZOBAMESA,? canke mwagomba bavuge ngo MVAKO? oya bo bavuga ukuri iminsi yose, bavuga bati nkurunziza ni yitoza azoba arenze ama tegeko kandi guhanwa si ku musaga kuko baramwubaha ni hariya nyene. rero shigikira aba messana hari igihe bohera kuri mwebwe sivyo ndabifurije ariko hari ahandi vyabaye.

  • Yemwe nimwabona tuzaturahura nibiza nibindibigorane vyakatarabaho mugihugu cacu hamwengirango nukubera abarundi dusigaye dushirisoni birenze urugero! None abobavukanyi bacu bomuri ADC ivyobintu bavuze ntakosha rikomeye cane mubonamwo gayemwe? Umvandababwire utuntu nkatubiri: Umukuru wigihugu arahangamwe muntebe yumukuru wigihugu cu Burundi akoribikorwa vyunukuru wigihugu ukurikwamye, kw’Isi yose ntanahamwe yimiriwe kuja. Icakabri umukuru wigihugu Nkurunziza ntabutungane burigera bumutungikira umutahe yaba ubwongaha Burundi canke ubwokurwego mpuzamakungu, none ADC yahawe uruhusharyari rwogucira urubanza umukuru wigihugu urubanza! Nambamuvyukuri uwomuntu ariwe yabwiye abobantu ngonumiririmbe muvugango’ Nkurunziza natwarwe La Haye abibazwe kandi abihaburwe niterasoni ! Nabafise uburenganzira bwoguhamagaza abakuru bibihugu bikekwako bobabafise ibibibakoze bibagira babikiranubwitonzi namakenga meshi nonemwebwe mukagenda imbere yintebe umukuru wigihugu avyagiyemwo mukamunwirango hagurika uje La Haye!!!

  • Eka uwo mumenyeshamakuru ntiyabeshe, ngo barabiganye, ewe yemwe , nabo bagira bibonererko, ariko nta kibi cigera gitsinda iciza naho vyogenda gute

  • arenze amategeko azoja la haye sha claude ko yahora ari sérieux ngira igitsure camufashe

  • Kwivyo Vyo Kumesana Ntaco Nobivugako Cane Ariko Ndevye Kubwanje Yirambire Nkinkona Yacu Azotware Mpaka%% Uwanka Yangare

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.