IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Inyubakwa z’ubudandaji 9 nizo zahiye ziratokombera

Ngozi : Inyubakwa z’ubudandaji 9 nizo zahiye ziratokombera

jeudi 29 Rusama 2014

Utuzu tw’ubudandaji mu ntara ya Ngozi ku musozi wa Burengo nitwo twahiye turatokombera, inyuma yaho dufatiwe n’umuriro.

Nk’uko ayamakuru ava i Ngozi abivuga, intandaro ya vyose yoba ari ububiko bw’imwe mu nyubakwa y’ubudandaji bita kiosque yoba yafashwe n’umuriro, iyo nayo ica idomeka n’izindi zose vyari vyegeranye, aho utuzu tw’ubudandaji tw’i Burengo icenda, twahiye turatokombera, abahadandariza ubu bakaba bifumbereje, kuko bamwe ataco bashoboye kurokora.

Igiporisi kijejwe gutabara kikaba cashitse giteba, kuburyo ataco bashoboye gukiza. Abanyagihugu bagasaba abaporisi basanzwe bajejwe gutabara, kwama bagavye kuko ndetse n’imiduga ijejwe kuzimya umuriro ikama iteguwe ku munsi ku munsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.