Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni gute tworonsa indero nziza abana mu mashure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ni gute tworonsa indero nziza abana mu mashure

Ni gute tworonsa indero nziza abana mu mashure

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Guhohotera umwana mw’ishure, kudafatwa co kimwe nk’abandi hamwe no kuburabuzwa mu vyirwa, bimwe mu bituma ayoberwa mw’ishure canke ata ivyirwa vyiwe.

Kw’igenekerezo rya 30 Ndamukiza uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ukudahohotera umwana mw’ishuri. Ikinyamakuru IGIHE kikaba cashimye kubayagira muri rusangi ibijanye n’indero y’abana mw’ishure.
Umwana wese yaciye mw’ishuri, aribuka ivyo aba yarakorewe mw’ishure kurusha ivyo aba yarigishijwe mu guca ubwenge, na cane cane iyo aba yarahohotewe n’abagiye baramuha indero.
Abahinga muvy’inyifato, bavuga ko iyo umwana yakubiswe cane mw’ishure mu guhabwa indero canke mu kugira ace ubwenge, igicapo c’uwabimokereye kitoroshe kuzimanga mu mutwe wiwe. Ivyo bigashobora gutuma adasubira no kwitaho ivyo amwigishije vyose.

Bamwe mu banonosoye ugutanga indero ku bana mu mashure, bavuga ko guhohotera umwana mw’ishure haba mu kumubwira amajambo amutera ubwoba, canke mu kumuha ibihano bitoroshe, canke haba mu kumwima ijambo, canke haba mu kumukubita, atarivyo bituma umwana akurana indero nziza. Uko umwana akura ahohoterwa, niko n’inyifato yiwe igenda irahinduka akuze. Mu gihe yakuze ahohorerwa haba muhira canke mw’ishure, inyifato (comportement) yiwe ntiheza ngo yorohe akuze.

Kwerekana uburwaneza imbere y’umwana, n’urukundo umufitiye mu kumuha indero, akaba ari zimwe mu nyishu nziza zotuma umwana yiga yumva adahohotewe. Ikindi naco, imbere yo guhohotera umwana mu kumukubita canke mu kumubwira amajambo adahumuriza mu gihe yoba yakoze ibitarivyo, ni vyiza kumwereka ikosa yakoze aho riri, bishoboka ukanabimwandikira kugira yisubireko.

Inyuma yaho bigiye ukungene indero y’umwana yifashe mu bihugu bitari bike vyo kw’isi, amashirahamwe aharanira agateka k’abana, yaciye aja hamwe mu kwiyamiriza abarezi bahohotera abana mw’ishure mu kubakubita no mu kubarya umutima bigatuma umwana adashobora kwumva yidegemvya.
Abavyeyi bafise uruhara ntangere mu gutozwa indero kw’umwana imbere y’uko aja mw’ishuri. Abanonosoye ivyirwa ku bijanye n’indero y’abana mw’ishuri, avuga y’uko umurezi wa mbere w’umwana ari abavyeyi bamwibarutse. Umwana iyo arezwe mu rukundo rw’abavyeyi, akaronsa ivyo aba kaneye bimuteza imbere, biratuma atumva ahohotewe mu gutozwa indero mw’ishuri.

Abarezi bose bakaba basabwa kwirinda guhohotera abana haba mu kubakubita, haba mu kubaraba irarirari canke mu kubaryagumba, kugira bakurane inyifato n’ubumenyi bibereye.
Mwomenya ko mu mwaka w’2007 ariho hashingwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kwiyamiriza ihohoterwa rikorerwa abana mw’ishure.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.