Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Abantu 118 baguye mu gitero c’abihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Abantu 118 baguye mu gitero c’abihevyi

Nigeria : Abantu 118 baguye mu gitero c’abihevyi

mercredi 21 Rusama 2014

Abantu bashika 118 nibo bishwe abandi 56 barakomereka ku munsi wa kabiri mu gitero c’abihevyi kw’isoko ry’ahitwa i Jos, mu gihugu ca Nigeria.

Naho amakungu yose yagerageje kwamirira kure ibikorwa vy’uwo muhari w’intagondwa za Boko Haram, ku munsi w’ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 20, izo ntagondwa zasubiye kwiha inkumbi mu gitero cahitanye abantu 118, hamwe n’abandi 56 kw’isoko ry’i Jos, muri Nigeria. Hari n’ayandi makuru avuga ko hashobora kuba hakiri ibiziga bikiri mu bibomoka.

Nk’uko bivugwa na Pam Ayuba, umuvugizi wa buramatari w’ako karere kaberemwo igitero, abapfiriye muri ico gitero abenshi ni abakenyezi. Naho abatari bake baneguye umukuru w’igihugu ca Nigeria kuba ata kintu kiboneka ariko arakora muri kino gihe hari ingorane mu gihugu arongoye, Goodluck Jonathan yiyamirije abo bagizi ba nabi. Uwo mukuru w’igihugu ca Nigeria avuga ko Reta yiwe yiyemeje kurwanya yivuye inyuma iterabwoba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.