Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nigeria : Igipolisi cabujije imyiyerekano yose ku banyeshure (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Igipolisi cabujije imyiyerekano yose ku banyeshure (...)

Nigeria : Igipolisi cabujije imyiyerekano yose ku banyeshure banyurujwe

mardi 3 Ruheshi 2014

Kubera ko hamaze iminsi haba ibitero bitari bike muri aya mezi aheze, igipolisi ca Nigeria cabujije ko haba imyiyerekano yose igamije gushigikira ba banyeshure 200 banyuruzwa n’ abarwanyi ba Boko Haram ku bw’imvo z’umutekano.

Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 2 Ruheshi, umunsi umwe gusa inyuma y’igitero c’igisasu caturitse mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, igipolisi c’i Abuja carabujije ko hasubira kubaho imyiyerekano yarimaze igihe, iba mu bice vyinshi vy’igihugu bise ‘’Bring back our girls’’mu ntumbero yo gushigikira ba banyeshure 223 banyuruzwa n’umugwi wa Boko Haram, basaba irekurwa ryabo. Igipolisi kikaba catanze insiguro ko muri iyo myiyerekano hashobora kuba ikindi gitero c’abihevyi.

Iyo ngingo ikaba itanezereye abateguye iyo myiyerekano aho bibaza ko hashobora kuba harimwo imvo za poritike, ariko umukuru w’igipolisi Ozefu Mbu yamesheje ko ari ku mvo zogufata ingingo zishoboka zose kugira izo nkozi z’ikibi ntizisubire gutera ibitero zihitana abantu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.