Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntakwivanga kwa Leta mu bikorwa vy’ishirahamwe Global Port Services (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ntakwivanga kwa Leta mu bikorwa vy’ishirahamwe Global Port Services (...)

Ntakwivanga kwa Leta mu bikorwa vy’ishirahamwe Global Port Services Burundi

jeudi 19 Nyakanga 2013

Ntakwivanga kwa Leta mu bikorwa vya global port services Burundi kandi uwahoze ari umuyobozi mukuru waryo Van Kobus Der yakombowe mu mabanga yiwe ku mvo y’uko atari agishoboye kurangura ayo mabanga, kutamenya kubana n‘abandi no kuba vyamunaniye gukorera mu gihugu c’Uburundi.

Nk’uko Dr Eric Ngendahayo icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro muri iryo shirahamwe, abivuga mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 19 Nyakanga uyu mwaka, yemeje ko Leta itivanze na gato mu bikorwa vya GPSB. Mu gihe ishirahamwe OLUCOME rimenyesheje ko rifise urwandiko rwerekana ubunyonyezi bwoba bwaribonekeje muri iryo shirahamwe, ko amafranga arenga imiriyoni amajana ane ariyo yoba yagiye yibwe n’ uwahora atwara GPSB, hamwe n’uko Leta y’Uburundi yoba yivanga mu bikorwa vy’iryo shirahamwe, bamenyesha ko izo nzandiko atazo bigeze babona. Mbere ko kuba barakuye Van Kobus Der, vyoba vyatumwe n’uko uwo atari agishoboye kurangura amabanga yari ajejwe, ahubwo vyoba ndetse vyari vyamunaniye gukorera mu gihugu c’ Uburundi.

Mu rwandiko OLUCOME yavuga ko hoba hari ukwivanga kwa Leta mu bikorwa vy’ivyo shirahamwe, bamenyesha ko kuba Leta yo kurikirana ibikorwa vy’Iryo shirahamwe Aari ibisanzwe cane kuko Leta, irafise uburenganzira bwo kwibaza ko rikora neza ,si ukwivanga ahubwo ni akazi kayo, ndetse umunyamitahe wese arafise uburenganzira bwo kumenya amafranga yiwe ingene akoreshwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.