Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OBR : Uburundi bwinjiye mu rwego nshingwantwaro bw’ishirahamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > OBR : Uburundi bwinjiye mu rwego nshingwantwaro bw’ishirahamwe (...)

OBR : Uburundi bwinjiye mu rwego nshingwantwaro bw’ishirahamwe ATAF

mercredi 24 Nyakanga 2014

Uburundi bwaraye bwarinjiye mu rwego nshingantwaro rw’’ishirahamwe rihuza ibigo vyegeranya amakori n’amatagisi muri Afrika ATAF,iyo ngingo ikaba yafashwe mu nama ya bose y’iryo shirahamwe yabereye mu gihugu ca Tanzaniya i Dar es Salaam.

Iyo nama yabaye ku magenekerezo ya 16 ,17 na 18, nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’ikigo gitoza amatagisi OBR Domitien Ndihokubwayo mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 24 Nyakanga, Uburundi buzohakura akarusho katari gato kuko azoba ari akaryo k’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR ko kurabira ku bindi bihugu intambwe bigeze ko ku vyerekeye ivyo gutoza amatagisi na cane cane ko intumbero y’iryo shirahamwe, ari uguteza imbere uburyo bwo gutoza amatagisi bwiza kugira ubuzima bw’abanyagihugu bo muri Afrika bwisununure.

Tubamenyeshe ko iryo shirahamwe rihuza ibihugu 39 vyo muri Afrika. Uburundi kandi bukaba bwatowe kugira buzokwakire inama iraba ivyo gutoza amakori y’iryo shirahamwe itegekanijwe mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’2015.


Floxella Karire

Messages

  • No-sences za OBEER ikigo co kwegeraniriza indya ba nsumirinda no kununuza imitsi n’amaraso ya BeneBurundi:Uravye amagorwa OBEER iteje iwacu kuva uburundi buremwa ntayo nigeze numva!!!Shame for my nation Burundi

  • OBR nikigo catorewe akarwi kabantu bamwe bamwe kugira bateze imbere imifuko yabo rero kuba bariko barakora nibindi bazobikora ariko banyarucari mugihugu tuzokwama hahandi mbere tuguma dusubira inyuma nkibirenge.

  • Mwese mwanditseaha mufise
    Ivyiyumviro bikiri hasi.Mumico yacu abarundi dukwiye gushiramwo umuco wogutangaikori.Nahandi hose bararitanga

  • Mwese mwanditseaha mufise
    Ivyiyumviro bikiri hasi.Mumico yacu abarundi dukwiye gushiramwo umuco wogutangaikori.Nahandi hose bararitanga

  • OBR n’igikoresho aba DD bakoresha mukwiba abarundi. Mbega muribuka ko bashitse kubutegetsi ikiro c’ibiharage kigurwa 250F,none ubu mubona bimeze gute? Ntituzosubire guhendwa n’umuntu azoza yitwaje Imana mukanwa ngo twiyumvire ko ari umutware mwiza. Ahubwo niwe aba ari mubi kurusha abatavuga Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.