Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ohio: Ariel Castro yaciriwe urubanza rwo gupfa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ohio: Ariel Castro yaciriwe urubanza rwo gupfa

Ohio: Ariel Castro yaciriwe urubanza rwo gupfa

samedi 11 Rusama 2013

Inyuma yaho habereye ibipimo vya ADN, vyaragaragaye ko Ariel Castro ari se wa Jocelyn, umukobwa wa Amanda Berry umwe mu bari baranyuruwje hamwe n’abandi bakenyezi babiri.

Abo bakenyezi uko ari batatu, bari baratotejewe aho bari bugaranywe imyaka 10. Uyo Ariel castro akagirizwa kuba yarafashe ku nguvu Amanda Berry akamwononera n’ubuzima. Ivyo tukaba tubimenyeshwa na Yohani-Louis Pourtet intumwa idasanzwe i Washington.

Jocelyn akaba yavuye kure kuko nyina yamwibarutse ata muntu n’umwe barikumwe amufasha, ubu afise imyaka itandatu. Amanda berry akaba ariwe yari muto muri abo bakenyezi bose, agira n’ibakwe ryinshi kurusha uwo bari banyuruzanywe, Michelle Knight kuko Ariel Castro yari yarafashe kenshi ku nguvu uyo Michelle Knight, agize ngo aribungenze, akamucumita ingumu zo mu nda kugira inda ikoroke ku nguvu.

Ibipimo bikaba vyaremeje neza ko Ariel Castro ari se wa Jocelyn. Yaza aramutwara kenshi kwa Nyina wiwe, Joselyn nawe akamuhamagara « mama mukuru », akamujana no kumwerekana mu bagenzi biwe, akaza arababwira ko ari umukobwa wiwe. Igihe rero barekuriwe aho bari baboheye, Jocelyn yoba yarabajije aho se wiwe ari.

Uwo Ariel Castro yahoze ari umudereva w’imodoka yunguruza abanyeshure, yaraciriwe urubanza rwo gupfa bitangajwe n’umucamanza mukuru w’i Ohio, inyuma yaho yemereye imbere y’igipolisi ko afise ingorane yo kuguma ashaka kurangura amabanga mpuzabitsina n’uwo ariwe wese akanemera n’amabi yose yakoreye abo bekenyezi, akabahohotera n’ubuzima.

Yari yaranditse avuga ko yama yifatishije, yashaka ko amatungo yiwe asangirwa hagati y’abo bakenyezi bose yari yanyuruje. Ubu, abakenyezi babiri muri bo bakaba barasubijwe mumiryango yabo, uyundi umwe acari mu bitaro.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.