IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yagiriza umukuru w’igihugu kwitiranya ivy’umuryango wiwe (...)

OLUCOME yagiriza umukuru w’igihugu kwitiranya ivy’umuryango wiwe n’ivy’igihugu

vendredi 31 Nzero 2014

Ishirahamwe OLUCOME bagiriza umukuru w’igihugu ko adatandukanya ibikorwa vy’umuryango wiwe, hamwe n’ivyo kurongora igihugu, aho mbere n’imfashanyo zagiye ziratangwa mu mashirahamwe arongoye, kandi amategeko atamurekurira gukora ivyiwe.

Mu kiganiro uwurongoye ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de la Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwa gatanu igenekerezo rya 31 Nzero 2014, Gabriel Rufyiri ariyamiriza abategetsi bamwe bamwe bo hejuru, harimwo n’umukuru w’igihugu asa n’uwitiranya ibikorwa vy’umuryango wiwe n’ivyo kurongora igihugu, kandi amategeko atabimurekurira.
Gabriel Rufyiri arakurira inkoni ku gishitsi abibaza ko ishirahamwe Messager FC, ikibuga c’inkino c’i Buye hamwe n’ico mu Rumonge intara ya Bururi ko vyoba ari ivya Reta. Akebura abahora bibaza ko ivyo bibuga vy’inkino vyoba ari ivya Reta ko bozeruka kuko ari ivy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza bwite, asanzwe ari nawe yatanguje ivyo bibuga.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Gabriel Rufyiri avuga ko mw’ishirahamwe arongoye barajwe ishinga n’ihonyangwa ry’amategeko rikorwa na Petero Nkurunziza, aho Gabriel Rufyiri afatira ku ngingo y’100 hamwe 101 zo mw’ibwirizwa shingiro zimubuza gukora ibikorwa bitari ivy’igihugu (affaires privées), kuko nk’uko Gabriel Rufyiri abisigura, abafasha Uburundi bacika abagenzi b’umuntu umwe gusa(umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza), aho akagaruka ku mfashanyo zagiye zitangwa n’abagenzi b’Uburundi n’abandi bagwizatunga mw’iyubakwa ry’ivyo bibuga vy’inkino.

Muri iryo shirahamwe OLUCOME babandanya bagiriza ibiro vy’umukuru w’igihugu ku mfashanyo zigera ku bihumbi 800 vy’amadorare zahawe ishirahamwe Fondation Buntu ry’umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise Nkurunziza. Icatangaje Gabriel Rufyiri n’uko iryo shirahamwe SAMANCOR ryatanze iyo mfashanyo kw’ishirahamwe rya Denise Nkurunziza ryaciye rihabwa, mu gushimirwa, mu gushimira, isoko ryo gucukura ubutare bwa Nickel i Musongati, ivyo rero bigasa no kugura akami ka muntu, canke utuganuke turoze (cadeau empoisonné).

Mw’ishirahamwe OLUCOME basaba abategetsi kwubahiriza amategeko, na cane cane ibwirizwa shingiro. Gabriel Rufyiri amenyesha ko kuva aho bandikiye amakete barambiwe, ubu bakaba bagiye kwitura sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro. Basaba umukuru w’igihugu kwihanganira gukoresha mu bikorwa vy’umuryango wiwe amafaranga canke utuganuke vyagiye biratangwa n’abagenzi b’Uburundi.


Floxella Karire

Messages

  • Iryoshirahamwe OLUCOME riranteye ubwoba rivugango umukuru wigihugu bariko baramugemurira ibitoke mwizina ryigihugu ngohanyuma ngwagaca abikoresha ukoyishakiye. Mama gajewe OLUCOME!!!!!! Umukuruwigihugu ashaka kwubaka ikintu ciwe nagirayokwubakinzu? none yokwubaka ikibuga? rekadutegereze tuzorebe ukuntu azoza araza ahiwacu Bururi gukinira mwikikibuga wenyene. Ariko urindekwitakubitinamacumu urondera ibintu ngovyotuma isinziryabarundi bamukunda bamukurakwicizere ngokubera bavugakwazokwitoza? Ayomabwire nogusaba uyirinde mwa.

  • ibi nabivuze kuva nkimera amenyo yo hejuru. Petero ntakimenya gutandukanya u burundi n’urugo rwiwe. amahera akoresha mu hira iwiwe bayakura muri BANQUE NATIONALE DU BURUNDI uwo mwanya bagaca baja kuyasumisha mw’isoko. umupolice ajejwe gusumira urugo rwa nyenicubahiro yaramaze gutunga bimwe by’akarorero cane gose. ibi nibyo byatumye aturura isoko nkuru ya bujumbura kugira ahubake inzu ndende ubundi atware igihugu ca rwagasore kugeza avuye kw’isi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.