Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONATEL rirabeshuza ivyashikirijwe na Gabriel Rufyiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > ONATEL rirabeshuza ivyashikirijwe na Gabriel Rufyiri

ONATEL rirabeshuza ivyashikirijwe na Gabriel Rufyiri

vendredi 14 Munyonyo 2014

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ONATEL, Gilbert Baranyizigiye arabeshuza ivyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la corruption et les Malversations Economiques), ko hoba hari umugambi wo gufatanya ONATEL na AFRICELL.

Nk’uko abishikiriza mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane, igenekerezo rya 14 Munyonyo, arahakana ko ata na rimwe ishirahamwe arongoye ryigeze ryegera AFRICELL kugira bakorane. Gilbert Baranyizigiye amenyesha kandi ko niho hagera ko ONATEL ishirwa mu minwe y’abikorera utwabo bizoca mu mategeko, bicishijwe muri rwa rwego SCEP( Service chargé des Entreprises Publiques) rusanzwe rubikora.

Gilbert Baranyizigiye, arahakana ko ONATEL ritariko rirondera kuja hamwe n’ayo mashirahamwe ahubwo ririko rirondera kwunga ubucuti na rya shirahamwe ry’abanyajorodaniya ryitwa VITTEL. Ku cerekeye naho ko hoba hari umugambi wo gushira mu minwe y’abikorera utwabo ONATEL, kuko hegereje amatora, kandi ku nyungu y’akarwi kamwe kamwe, avyamirira kure, kuko uwo mugambi umaze imyaka cumi uhari, nk’uko Gilbert Baranyizigiye abandanya abishikiriza.

Tubibutse ko ivyo abishikirije inyuma y’iminsi ibiri ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abanyotora amatungo ya Reta OLUCOME rigaragaje amakenga y’uko ONATEL ryoba rigiye gushirwa mu minwe y’abikorera utwabo mu buryo bwihishije amategeko adakurikijwe.


Floxella Karire

Messages

  • jewe. narababwiye ko abo bagabo bigira ngo ni sosiete civil barahiye bakarengwa ngo cndd FDD igomba kuvaho kuneza canke kunabi namwe raba ingene birirwa bararemwntanya kumigaragaro NGO bikunde bumvishe abenegihugu kobatwawe nabi ejo bundi yari cotebu na cogerico unomusi naho ni onatel ndibazako inyuma ya 2015 batazosubira kuronka ivyo babesha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.