Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU: Ubwicanyi i Darfur bubangamiye ubutabazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU: Ubwicanyi i Darfur bubangamiye ubutabazi

ONU: Ubwicanyi i Darfur bubangamiye ubutabazi

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Umuryango mpuzamakungu ONU muri Sudani uvuga ko iyicwa ry’abantu mirongo itanu ejo mu buraruko bwa Darfur ribangamiye ibikorwa vy’ubutabazi.

ONU ivuga ko kuronsa imfashanyo ibihumbi vy’abantu bahunga imirwano yasubiye kwaduka, bigiye gusumbira kugorana.

Damian Range ari mu bajejwe gutunganya ibikorwa vy’ubutabazi vya ONU yavuze ko imiduga itwaye imfashanyo yabujijwe kwinjira mu muji wa El Sireaf, watewe bimwe bikomeye n’abarwanyi b’Abarabu.

Abantu baharurirwa mu bihumbi ijana nibo bamaze guhunga intara y’uburaruko bwa Darfur kuva mu ntango z’ukwezi kwa mbere igihe imirwano yaduka.

Iyo mirwano yatewe no gupfa uburenganzira bwo kwimba ubutare hagati y’imigwi y’Abarabu.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.