Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU yarangije igikorwa cayo c’ugutsimbataza amahoro muri Sierra (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > ONU yarangije igikorwa cayo c’ugutsimbataza amahoro muri Sierra (...)

ONU yarangije igikorwa cayo c’ugutsimbataza amahoro muri Sierra Leone

mercredi 5 Ntwarante 2014

Inyuma y’imyaka 15 ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko rirafashe gutsimbataza amahoro mu gihugu ca Sierra Leone, iryo shirahamwe rimenyesha ryafashe ingingo yo gusozera ibikorwa vyaryo, mu gihe ico gihugu kija caramaze kwerekana ko amahoro yamaze gutsimbatara.

Ibirori vyo gusozera ivyo ibikorwa vyaranze ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gikorwa caryo c’ugutsimbataza amahoro aho mu gihugu ca Sierra Leone, bikaba vyitabwe na Ban -Ki moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ivyo birori, bikaba bibaye inyuma y’aho mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakung ONU, hafatiwe ingingo yo gusozera ibikorwa vy’iryo shirahamwe mu gihugu ca Sierra Leone, ku wa 31 Ntwarante umwaka w’2014, bivanye n’intambwe ishimishije ico gihugu kigezeko, kandi intambwe ishimwa na bose.

Ishirahamwe BINUCSIL (Bureau intégré des Nations unies pour la consolidation de la paix en Sierra Leone ) ryari ryatanguye muri ico gihugu mu wmwaka w’2008, inyuma yaho ariko, hakaba hari ibikorwa vyarangurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’1999, vyo guhagarikira amahoro muri ico gihugu cari caratabagajwe n’intambara ku va mu mwaka w’1991 gushika mu mwaka 2002, bikavugwa ko abantu barenga ibihumbi ijana na mirongo ibiri, boba barahasize ubuzima, n’abandi isinzi bahunze.

Mu cegeranyo catanzwe na Reta ya Sierra Leone mu mpera za Ruhuhuma umwaka uheze, icogihugu camenyesheje ko cashitse ku ntambwe ishimishije mu gutsimbataza amahoro, gifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ivyo kandi, bikaba vyaremejwe n’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike y’ico gihugu.

Tukabamenyesha ko muri iyo myaka 15 iryo shirahamwe ryari rimaze ririko rirakora muri ico gihugu, ryafashije Reta gushira mu ngiro imigambi yari yariyemeje, gufasha gutegura amatora yemewe na bose, gufasha amashirahamwe akurikirana ibikorwa vya Reta gukora, n’ibindi vyinshi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.