IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yasavye ko hokorwa amatohoza ataho ahengamiye ku bateye mu (...)

ONU yasavye ko hokorwa amatohoza ataho ahengamiye ku bateye mu Cibitoke

vendredi 23 Nzero 2015

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ihamagarira Reta y’Uburundi gukora amatohoza ataho ahengamiye, kuko ariyo azotuma hamenyekana umurwi w’abitwaje ibirwanisho baheruka gutera mu ntara ya Cibitoke. Ubutungane bw’Uburundi bwemeza ko amatohoza ageze kure.

Mu nama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yabaye kuri uwu wa mbere, Uburundi bwasabwe ko bwokora amatohoza, abarundi n’amakungu bakamenyeshwa abateye mu ntara Cibitoke, komine Murwi na Bukinanyana, bikaba bivugwa ko baje bava mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU isavye ko hokorwa amatohoza, mu gihe ubutungane bw’Uburundi buheruka kumenyesha ko bwamaze gutangura, kandi ko bayagejeje kure. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yamenyesheje ko naho izina ry’umurwi wateye mu Cibitoke ritarameyekana, abateguye kirya gitero bariko baramenyekana, bakaba bazomenyeshwa abarundi n’amakungu igihe nicagera. Valentin Bagorikunda yavuze ko na bamwe bamwe mu barwanyi bari muri ico gitero mu Cibitoke bamaze kumenyekana, naho atabavuze.

Muri ico kiganiro, Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yamenyesheje ko umurwi w’abateye mu Cibitoke wari ugizwe n’abarwanyi bagera ku jana na mirongo icenda (190), benshi muribo bakaba bava mu ntara za Kirundo (abarwanyi 41), Makamba (abarwanyi 35), Ngozi (abarwanyi 23), Cibitoke (abarwanyi 11) hamwe na Bubanza (abarwanyi 10).

Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko abarwanyi bashitse mu Burundi bari barongowe n’uwitwa KAZIRI Joseph batazira Yussuf. Valentin Bagorikunda yemeza ko Abarundi benshi bazi uwo KAZIRI Joseph (Yussuf) kuko yigeze kuba yahawe indaro n’iradiyo imwe muzivugira i Bujumbura (naho atayivuze), imbere y’uko aja muri ubwo bubisha, akaba kandi yarigeze guhabwa indaro n’ishirahamwe rivuga ko riharanira agateka ka zina muntu (naho naryo nyene atarivuze), hamwe no mu rundi rwego rukurikirana ibibazo vy’agateka ka zina muntu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.