Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ouganda: Ikinyamakuru cashize ahabona urwandiko ruri mw’ibanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ouganda: Ikinyamakuru cashize ahabona urwandiko ruri mw’ibanga (...)

Ouganda: Ikinyamakuru cashize ahabona urwandiko ruri mw’ibanga kirageramiwe

jeudi 23 Rusama 2013

Inyuma y’ukugenzura ibinyamakuru bibiri vyo mu gihugu ca Algeriya vyari vyagize ico bivuga ku magara y’umukuru w’igihugu ca Algeriya, Abdelaziz Bouteflika yoba ari ku ngoyi mu bitaro, ikinyamakuru co mu gihugu ca Ouganda naco coba kiri mu ngorane zidasanzwe inyuma y’aho batangarije ku munsi w’ejo ibiri mu rwandiko rw’umwe mu ntwazangabo zo mu gihugu ca Ouganda ifise ipete rya Général. Urwo rwandiko rukaba rwari mw’ibanga, ico twokwita mu rurimi rw’igifaransa "une note confidentielle"

Ico kinyamakuru cisunze ibiri muri urwo rwandiko, canditse ko umukuru w’igihugu ca Ouganda Yoweri Kaguta Museveni yoba yafashe ingingo yo kuzogene umuhungu wiwe kugira azomusubirire mu gihe azobona ko atagishaka kwitoza mu kindi kiringo co kurongora igihugu ca Ouganda.

Icateye ishavu abarongozi b’igihugu ca Ouganda, n’uko muri urwo rwandiko, ico kinyamakuru catomoye ko abazoshaka kugarariza iyo ngingo y’umukuru w’igihugu Yoweri Kaguta Museveni(abo mu migambwe itavuga rumwe na Leta), bazoca bicwa.

Muri Afrika, abakuru b’ibihugu babiri nibo bamaze kugerageza kwerekana ko bashaka kugarukana intwaro ya cami mu kugena abahungu babo ngo babasubirire ku butegetsi, abo nabo bakaba batorohewe na gato. Uwa mbere ni Abdoulaye Wade yaciye atsindwa mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2012, umuhungu wiwe nawe atabwa mu mvuto, mu munyororo i Dakar kubera atashoboye gusigura aho yakuye umuliyaridi w’amafaranga y’amanyaburaya yari afise.

JPEG - 7.1 ko
Abdoulaye Wade

Uwa kabiri ni Hosni Moubarak, umukuru w’igihugu ca Egypte, nawe nyene yashaka ko umuhungu wiwe Gamal Moubarak amusubirira mu makanda, arongore igihugu ca Egypte. Budakeye na kabiri, yaciye akomborwa, yirukanwa nk’umunyonyezi, ubu hakaba ata n’umwe yibaza ko hari uwukomoka kuri Moubarak yoba agihabwa amabanga y’umukuru w’ico gihugu c’abarabu b’abayisiramu, Egypte.

JPEG - 7.4 ko
Hosni Moubarak

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.