Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Paris Jackson yarahatswe kwiyahura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paris Jackson yarahatswe kwiyahura

Paris Jackson yarahatswe kwiyahura

jeudi 6 Ruheshi 2013

Inyuma y’umusi n’igice ari mu bitaro Paris Jackson,yagomba
yiyahure ,ibimenyeshamakuru vyibaza icatumye uwo mwana muto ashaka kwiyahura.

Urupfu rwa se,uguhagarika umutima kubera ibibazo,insiguro ni nyinshi.
Nk’uko tubimenyeshwa n’abihutiye gutabara bavuga ko, Paris Jackson yari yagerageje kwica imitsi akoresheje imbugita. Uwo mwigeme w’imyaka 15 gusa y’amavuko, yariruhukije yumvise abaje gutabara kandi ntiyigeze yankira abamuteruye bamwuriza Rusehabaniha kugira bamushikane kwa muganga. Bamenyesha rero ko ari mitende ariko aravurwa neza.

"Nk’uko bimenyeshwa n’abapolisi batabaye i muhira kwa Paris Jackson ku mugoroba wo kuri uyo wa gatatu ngo ntabwo yashaka gupfa. kubwabo rero Paris Jackson yoba yabikoze afyina.

N’ikimenyamenya ni uko yaterefonye atabaza birerekana ko yipfuza gukira kuko iyo ugomba kwiyahura vy’ukuri ntiwotabaza ".

Inyuma y’ukubaza umugenzi amwegereye n’ikinyamakuru magazine people avuga ko kuva se wiwe apfuye mu mwaka w’2009 ntiyigeza aboneka ashwashwanutse yagumanye ibibazo
Bishoboka ko arivyo vyamutumye agera aho yikebagura urukoba ni kubw’umubabaro
Se rero ngo yaramusize,Paris niwe yari igikundiro ca se wiwe ariko ubu siko bimeze.Paris avuga ko yiyumva ari wenyene kandi ko atawumukunda ahari nkuko se yamukunda.
Paris Jackson yasubiriye imigenderanire na nyina wiwe, Debbie Rowe mu mezi aheze ariko iyo migenderanire ntiyari gushobora guheza umubabaro wiwe.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.