Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Robert Mugabe ati : "Ninatsindwa nzoheba" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe ati : "Ninatsindwa nzoheba"

Robert Mugabe ati : "Ninatsindwa nzoheba"

mercredi 31 Mukakaro 2013

Uwuramutswa igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yabaye ku butegetsi kuva mu 1980, yiteze gutsinda uwurusha abandi amahirwe mubo bahiganwa, Morgan Tsvangirai, aserukira umugambwe MDC.

Umugambwe ZANU-PF wa Robert Mugabe, wagirizwa umugambi wo kunyuruza amajwi muri ayo matora.

Amakuru dukesha BBC avuga ko intonde z’abiyandikisherije kuja mu matora zasohotse zimaze indwi zitari nke zacerewe, zikaba zigaragarako amazina y’abantu bapfuye kera.
Mu mugambwe ZANU PF wa Robert Mugabe barahakana ubwo busuma bagirizwa.

Muri ico gihugu ca Zimbabwe, bazindukiye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Mukakaro 2013 mu matora. Mu bahiganwa, uwufise amahirwe ni umushikiranganji wa mbere kuri Leta ya Mugabe, Morgan Tsvangirai wo mu mugmbwe MDC.

N’aho Robert Mugabe yemera ko niyatsindwa azoheba, amatora ahava aba kuri uno munsi mu mugambwe MDC bamwe basemerera ko ariko hariko harategurwa ubusuma bugamijwe kuzokorwa nko gushira ku ntonde abantu batabaho, gutera ubwoba abadasangiye ivyiyumviro n’abo mu mugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi.

Twobibutsa ko ku mwaka 89 y’amavuka, umukuru w’igihugu Robert Mugabe ariko ahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yari asanzwe amazeko imyaka 33


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.