Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
RDC : Igipfungu ku rupfu rwa Mamadou Ndala - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Igipfungu ku rupfu rwa Mamadou Ndala

RDC : Igipfungu ku rupfu rwa Mamadou Ndala

lundi 6 Nzero 2014

Inyuma yaho colonel Mamadou Ndala yitabiye Imana mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo atewe igisasu kiri mu bwoko bwa rokete agaca yitaba Imana ari kumwe n’abasirikare bamucungira ubuzima, abanyagihugu bari basavye ko yohambwa i Goma.

Amakuru ava mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, avuga ko colonel Mamadou Ndala aza gushingurwa uyu munsi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6 Nzero uyu mwaka ku murwa mukuru Kinshasa.
Abagandaguye iyo ntwazangabo yo muri ico gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bakaba n’ubu bataramenyekana, mu gihe bamwe bavuga ko yoba ari imirwi irwanira aho mu Buseruko bw’ico gihugu na cane cane umurwi wa Alliance des forces démocratiques et de l’Armée nationale pour la libération de l’Ouganda (ADF-Nalu), abandi nabo bakavuga ko bashobora n’ukuba ari bamwe mu bo bakorana, mu gihe iyo ntwazangabo yafatwa nk’intwari mu karere k’Ubuseruko bwa Kongo, ku butwari n’ubukerebutsi yakoresheje mu gutuza abarwanyi b’umuhari wa M23, abo bakorana bakamuhora ko yari yabatwaye igikundiro, ndetse agashobora n’ukuduga amapete.

Tukaba twobamenyesha ko mu mpera z’iri yinga, urwaruka rurenga ijana rwo mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi rwagize imyiyerekano rusaba ko uyo musoda yohambwa i Goma, abo nabo bakaba baciye basukwamwo ivyuka vyokera n’igiporisi. Amashirahamwe ataho yegamiye muri poritike nayo akorera i Bukavu yo mu Buraruko, akaba yahamagariye abanyagihugu ikigandaro c’uyu munsi wa mbere, kugira bibuke iyo ntwari.


Aristide Nizigire

Messages

  • Colonel Mamadou Ndala, ni umusirikare w’umukongomani yitwararitse cane bimwe bitari bwaboneke mu nteko za RD Congo(ex-Zaire), kugire agarukire abenegihugu n’ubutaka bw’igihugu ciwe. Igikorwa yari ashinzwe kandi yiyumva mwo anashashariye, ni ukurandurana n’imizi abacangero b’abanyarwanda n’abaganda biziziye akarere ka Kivu. Ntariye umunwa kandi bivuye ku makuru y’i Kivu n’i Kinshasa, Mamadou Ndala akaba yagandagurishijwe na president Joseph Kabira. Vyagiye kuja mu buryo biciye ku basirikare mu nteko za Mamadou Ndala, cane cane umusoda(rwandais) yambaye amarori muzakubona kuri iyi lien sur youtube apres declaration de Ndala:
    http://www. youtube.com
    Le Colonel Mamadou Ndala déterminé àen finir avec les rebelles ouga

  • Aristide Nizigire,
    Reka imvugo y’ibipfungu mwama mwitwaje hama mutange n’imiburiburi umuco ku nkuru muh’abarundi ijanye n’igandagurwa rya Colonel Mamadou Ndala. Nta kurondera kure, umwansi akunze gufatira ku bo umuntu asanganywe. Ugurure http://www.youtube.com
    250 enfants de Kagame abattus par le colonel Mamadou Ndala : Kabila en manœuvre pour son élimination
    Canke
    HTTP://WWW.BANAMIKILI.SKYBLOG.COM
    Kabila offre un avion de chasse àKagame et fait disparaitre le pilote t

  • Jenifuza Ko Ugwogwaruka Mworureka Nuko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.