Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi igiye gufasha abahuye n’akaga k’umuriro mu Kayanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Reta y’Uburundi igiye gufasha abahuye n’akaga k’umuriro mu Kayanza

Reta y’Uburundi igiye gufasha abahuye n’akaga k’umuriro mu Kayanza

mardi 3 Ruheshi 2014

Reta y’Uburundi yariyemeje gufasha abadandaza bahuye n’ivyago mu ntara ya Kayanza, aho isoko yabo yahiye igatokombera, ndetse n’utwo badandarizamwo tugahirayo twose.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, mu rugendo yagize kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 2 Ruheshi uyu mwaka mu Kayanza, aho yariko yirabira uko ibintu vyagenze. Umukuru w’igihugu akaba yasavye abadandaza kuza barakingisha ibidandazwa vyabo, mu mashirahamwe abijejwe kugira baze barategekeranirizwa, ndetse bashobore no gushumbushwa. Petero Nkurunziza akaba yemereye abadandaza ko Reta igiye gukora uko ishoboye kugira abadandaza biborohere gukingisha ibidandazwa vyabo mu mashirahamwe abijejwe.

Mukamenya ko isoko ya Kayanza yahiye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Rusama, inyuma yaho ubuzu bw’ubudandaji bwo mu Burengo mu ntara ya Ngozi nabwo buhiriye bugatokombera muri iyo ndwi nyene. Eka ndetse bikavugwa ko n’isoko nkuru ya Ngozi yoba yarahatswe guturirwa, aho hari umuntu yoba yarasize ibuji yakije aho yari asanzwe adandariza impuzu, Imana irakinga abantu babibona kare, ntiyaba igitokombeye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.