Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Reta y’Uburundi yagabishije umunyamahanga canke umurundi yoba anyegeje (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Reta y’Uburundi yagabishije umunyamahanga canke umurundi yoba anyegeje (...)

Reta y’Uburundi yagabishije umunyamahanga canke umurundi yoba anyegeje Alexis Sinduhije

mercredi 19 Ntwarante 2014

Inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD bo mu gisagara ca Bujumbura ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi, Reta y’Uburundi yasohoye umutahe wo guhagarika umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, naho n’igiporisi c’Uburundi naco kiri mubadomwako urutoke kuba cararenze amategeko agenga agateka ka zina muntu nya munsi.

Mu gihe bari mu bikorwa vyo gutunganya umunsi bise “journee porte ouverte”, ibikorwa vyari vyatumiwemwo abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi kuri uno munsi wa gatatu, igenekerezo rya19 Ntwarante uyu mwaka, mu ntumbero yokwerekana uruhara rwa buri muntu wese mw’iterambere ry’igihugu biciye mu migenderaniye isanzuye, ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwagarutse ku migumuko yabaye kw’igenekerezo ya 8 Ntwarante 2014, yatumye n’amakungu anegura ivyabaye muri iyo migumuko, haba ivyakorewe abari mu mugambwe MSD, canke abakenyezi bahurikiye mu mugambwe UPRONA bari mw’ishirahamwe UFB ryegukira uwo mugambwe.

Albert Nshingiro umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yaserukiye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu avuga ko Reta y’Uburundi inegura inyifato ya bamwe mubayoboke b’umugambwe wa MSD harimwo n’umurongozi w’uwo mugambwe Alexis Sinduhije. Reta y’Uburundi ikaba inegura kandi n’inyifato yamwe mu mashiramwe ataho yagamiye mu vya poritike yashigikiye imigumuko yabaye, mu gihe iyo migumuko yariko iradurumbanya imutekano w’igihugu. Ayo mashirahamwe agasabwa kugumana inyifato ataho yagamiye, maze aharanire kwumvikanisha impande zose.

Kubijanye n’amasasu yarashwe mu ngoro y’umugambwe MSD yahitanye ibitari bike, ndetse harimwo n’abantu bakomeretse rwose, Ambassadeur Albert Nshingiro avuga ko igiporisi c’Uburundi cakoresheje inguvu zishoboka, mu kurekuza bagenzi babo bari bafashwe mpiri n’abayoboke ba MSD, kuko ibiganiro bitari bigishoboka hagati y’izo mpande uko ari zibiri. Kubw’iwe, igiporisi c’Uburundi cakoze akazi categerezwa gukora mu kugarukana umutekano.

Kubivugwa naho ko ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gutabara imbabare “ Croix Rouge” ryoba ryarankiwe kwinjira gutabara abari bakomeretse igihe igiporisi cariko gitana mu mitwe n’abayoboke ba MSD, umuyobozi mukuru mu giporisi, Andre Ndayambaje yabibeshuje, avuga ko Croix rouge yaje gutabara itevye kuko abakomeretse bari bamaze gutwarwa kwa muganga n’abandi. Akavuga ko bamwe batwawe kwa muganga n’imiduga y’ishirahamwe PNUD, abandi nabo batwarwa n’imiduga y’abamenyeshamakuru yari yaje gutohoza inkuru.

Iyo migumuko yatumye na bamwe muba porisi bagirwa imbohe n’abayoboke ba MSD, ikaba yegekwa ku mukuru w’umugambwe wa MSD, Alexis Sinduhije. Reta y’Uburundi ikaba yaciye isohora umutahe wo guhagarika umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhije.

Mukamenya ko uwo mutahe wasohowe, kugira Sinduhije arenguke imbere y’ubutungane abazwe ivyo yagirizwa vyose, naho gushika ubu atawuzi irengero ryiwe, kuva imigumuko yo kuwa 8 Ntwarante yabereye ku ngoro y’umugambwe arongoye ibaye. Ndetse uwaserukiye ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, akaba yasavye umurundi canke umunyamahanga wese yoba ariko afasha Sinduhije Alexis mu kumunyegeza, ko yomutanga, kugira aseruke imbere y’Ubutungane, abazwe ivyo yagirizwa.


Mariella Bukuru

Messages

  • Aho kurondera abarash abantu barondera sinduhije!nihatari iburundi kiriyingoma!uwibwe niwe yiruka!

  • None abo banyamahanga nimba batakibakeneye ntibobirukana?Amashamba arashushe sha bareke bawote nibo bawakije!
    Hasigaye gufatira ibihano abategetsi ntibabe bakirenga Africa!

  • hahahahahah, mpebe ntwenge. Ngo muzogira iki uwamunyegeje! vous êtes qui dans ce monde? Sinduhije niba usoma commentaire. Nkwifurije kuramba no gukomera ku muheto. abakurondera nabo ni babe barata umwanya aho guteza imbere igihugu. Biboneka ko batazi ico bakora.

  • Hari ikintu nagomba nibutse abatutsi ba BA extremist. Nimwaba mwibazako muzosubira kwangaza abahutu. Mucire birarura. Muvugango Festus na Bigirimana bakoresheje amajambo adahumuriza. Mbe abo banyepolitique banyu birirwa bavuga ngo hazoba "akarambaraye" nibo bavuga amajambo ahumuriza. Muzoze murabesha ivyo vyitso vya BA Leonce. Ariko ndaziko ataco bazoshikako

  • mbega abo abarondera Alexis kugira arenguke imbere yubungane,bobo bozorenguka ryari kugira babazwe ivyoriko bakorera abanyagihugu?

  • Ndabona uriya muntu yarikubise igisu kukuboko kugira ngo abeshyere police iyagucaho byarikuba byiza!!

  • Ahubwo ivyo mbona, uwo mukuru w’igipolisi yarakwiye gutanga imihoho.nayo Sinduhuje nimba ushobora gusoma aya majambo, umenye ko tugushigikiye, ababwiye abapolisi kurasa nibo bakwiye gufatwa. Abivyi, abasahuraa, abarasa abanyagihugu birirwa baridegemvya. komera Mutama Sinduhije, ihotora ihigwa

  • Ahubwo ivyo mbona, uwo mukuru w’igipolisi yarakwiye gutanga imihoho.nayo Sinduhuje nimba ushobora gusoma aya majambo, umenye ko tugushigikiye, ababwiye abapolisi kurasa nibo bakwiye gufatwa. Abivyi, abasahuraa, abarasa abanyagihugu birirwa baridegemvya. komera Mutama Sinduhije, ihotora ihigwa

  • Uwo mugabo,ntarinda kuko araduhemukiye kuko yohejwe n’uduhera n’agatabi,yisuka mungorane, ubutegetsi n’abahima,jewe Nalbandian!

  • Jewe ndibaza abo ba DD bikasiga mwebwe mwenyene murazi ko mwishe mugabo abarundi babariye nimutahe ibisigaye tuzonibugana mwashize ibigwanisho hasi ,bongera babarira bati tuganya umugwi wokutekuriranira hamwe na sentare kuwuzo kwagira icaha none vyarabananiye kuko muzi ,mutazoja mumugwi wokurekurigwa Nkurunziza yari yaciriwe ugwo gupfa !? Ariko mwebwe imana yabaremye gute ubu nimwe mwocira imaza abandi no kubahiga atawe bishe!?%raba nka Bavunginyumvira eka nabandi mubona bafise ivyaha biruta ivyo mwakoze heeeee haaa hiiiii kebuka reka kuguma mwigira inyamashwa zo mwishamba heeeehaaaa huuiiuuii !?hiiiii»bb@# huuuuuuooo/!?

  • jew mu nkundie mbaze ikibazo kimwe umwe wese mubasoma uru rubuga arashobora ku nyishura.
    mbega ko inganda zirirwa ziratikira ibintu bahonjeranya aba ba DD kubera 3ème mandant ya Peter ni ukuvuga ko atawundi muntu bafise ngo nawe yitoze?
    Ehe idine catorique yarasemereye kandi irimwo abahutu bakwiye nka ntamwana.banshimiye ubusa n’abandi.ehe societe civil irimwo abahutu.ehe n’amakungu ataho yegamiye aravuma.ba Docteur Jean miniani tuzi ivyo bavuze.hemwe jew rero mu mfashe mu mbwire ico peter arengeje abandi ba DD dushika aho haba sacrifé touis le burundi pour un seul individus.aidez-a comprendre ce phenomène.

  • SINDUHIJE ariwanje kumuri abagabo muze mumutore

  • aba bagabo bo mwipori vyabananiye gutwara igihugu bashaka akajagari ngurubuze inkware ruvumbukana igihuna.ahosikindi SINDUHIJE ALEXIS KOMERA MURI URUMURI RW ABARUNDI uzokurya urwara azobona. turi inyuma yaw.

  • ariko president ntiyohagarika ivyo bintu

  • Ntimwibaze ko mukomeye, ariko muzokwibonerako

  • MANA TABARA ABAVANDIMWE BIBURUNDI

  • MANA TABARA ABAVANDIMWE BIBURUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.