IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rugombo-Kayanza : Ibiduga binini binini vyarononye ibiraro vyo ku (...)

Rugombo-Kayanza : Ibiduga binini binini vyarononye ibiraro vyo ku nzuzi

mercredi 23 Ndamukiza 2014

Ibarabara rya Rugombo-Kayanza rirabangamiwe n’ibiduga binini binini inyuma y’aho iyo miduga ihinduriwe ibarabara bivuye ku mvura yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma.

Imvura yaguye kw’igenekerezo rya 9 rishira 10 Ruhuhuma uyu mwaka ikonona ibitari bike mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo yaco, ntiyasize inyuma ibarabara rya Bujumbura-Bugarama, ari naco gituma imwe mu miduga yaciye isabwa guhindura amayira. Iyo ngingo naho yari nziza yo guhindurira imiduga minini minini amayira mu ntumbero yo gukinga amasanganya, iriko itera ingorane ibarabara rya Rugombo-Cibitoke, kuko ribangamiwe n’ibimodokari binini binini, biricamwo. Muri iki gihe, ibiraro vyo ku nzuzi za Nyamagana, Nyashenza na Muyira bikaba bitasigaye inyuma, kuko vyononekaye cane.

Anselme Nsabimana buramatari w’intara ya Cibitoke asaba abasanzwe bajejwe igisata c’amabarabara gukora ibishoboka kugira bakingire iryo barabara ritarasinzikara rwose, kuko mu minsi rishobora gutera impanuka. Mukamenya ko ibarabara rya Bujumbura -Bugarama ritagicamwo ibiduga binini binini, mu ntumbero yo gukinga amasanganya muri iryo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.