IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rwasa Agathon : Ubutungane ntibwari bukwiye kurindira amakungu kugira (...)

Rwasa Agathon : Ubutungane ntibwari bukwiye kurindira amakungu kugira bwiyambike umutamana

mardi 30 Nyakanga 2014

Rwasa Agathon, umwe mu banyeporitike bafise abanywanyi bapfungiwe mu mabohero atandukanye, amenyesha ko ubutungane bw’Uburundi bwari bukwiye kuza burafata ingingo butarinze kurindira ko amakungu asemerera. Kubwa Rwasa Agathon, nta butegetsi na bumwe bushimirwa ko bwapfunze abantu benshi.

Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kurekura vy’agateganyo Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH. Yarekuwe inyuma y’incuro zibiri zose zikurikirana sentare ifata ingingo yo kumugumiza mu munyororo, naho amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayo mu Burundi yaguma asemerera ko yorekurwa vy’agateganyo. Petero Karaveri Mbonimpa arekuwe kandi inyuma y’aho inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, hamwe na Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika, basabiye ko yohabwa umwidegemvyo. Rwasa Agathon avuga ko igihugu c’Uburundi kidashobora gutera imbere mu gihe ubutungane bukirindira ko amazi arenga inkombe, amakungu agasemerera kugira bufate ingingo. Kubwa Rwasa Agathon, abategetsi b’Uburundi bokwisubirako, bakarekura abantu bose bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo, kuko ata mutegetsi n’umwe azoshimirwa, canke yari akwiye kunezerezwa n’uko yapfunze abantu benshi. Rwasa Agathon ati : " Ubutungane ntibwari bukwiye kuba ubwo guhasha abantu bose badafise ivyiyumviro nk’ivy’umugambwe uri ku butegetsi ."

JPEG - 47.2 ko
Rwasa Agathon, umwe mu banyeporitike bafise abanywanyi bapfungiwe ma mabohero atandukanye

Mu gihe kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2014, umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo gutezurira abapfungwa ibihumbi 3000, Rwasa Agathon asaba ko muborekurwa hoshirwamwo n’abanywanyi biwe bapfunzwe bazira ivyiyumviro vyabo, akibutsa abatwara ko igihugu ari ica bose, kandi ko utawuhora ku butegetsi.

Ku vyashikirijwe mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ko ubutungane bw’Uburundi butakoreshejwe yaba inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, canke umuntu uwariwe wese yaba uwo mu Burundi canke mu makungu, mw’irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, Rwasa Agathon avuga ko bitagira ishingiro, kuko butari bwace na kabiri umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo Nzobonariba, amenyesheje ko Petero Karaveri Mbonimpa afise amakosa menshi, kandi ko abasaba irekurwa ryiwe bafise izindi ntumbero. Kubwa Rwasa Agathon, ahubwo ubutungane bwokwirinda kuza burakoreshwa n’abatwara mu guhohotera abafise ivyiyumviro bidasa n’ivy’ubutegetsi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndakumva mutama babwire ariko ntibumva kandi bibuke wamugani ngo ugutwi kwimpene kumvakokeje kandi ntayiruka itabunda kandi ntamvura irwidahita imisi yabo iriko irahera.

  • NiBAREKE KOKO ABACAMANZA B’UBURUNDI SIBYIMBESHERE BIRABONEKA KO BAKORERA KW’ITEGEKO RYARETA ARIKO BARAKWIYE KWIKUBITA AGASI BAKAREKA BANIRYO KUKO ABANDI BAGENDA KW’ISHURE KUGIRA NGO BABE INCABGENKE BOBO BIZE KUGIRA MUMIFUKO YABANDI NIBACE UBGENKE BABONE KURE.

  • Ngira bobo bararonka agashimwe iyo bapfunze benshi,naho worara urabanurantibazopfabavyumvise gushika basenyutse.iyo leta yarambiyeabanyagihugu mugabo igeze kuga sunuzo.uwo mutavuga rumwe ntaba ari umwansi! Twebwe turi hanze tuzotaha iyo leta yica abantu ikongera ikapfunga yarasenyutse,igihugu utotwara projet ngo uyikore mu mahora numutekano,wumvagitwarwa gute,aba dd bakwiye kuja kwiga ingene batwara nayahandibabaye abategetsibamber batwaye uburundi batazi no kuvuga.

  • abacamanza nibiyambike umutamana!!!!!!!!!!!!!!!erega ni ibara ???????????????

  • igihe wagandagura bunyamaswa ntawuhiganayo na deo nabandi bakomeye mwarikumwe kurugamba ntiwari bwamenye kwatawuhora kubutegetsi iyuba ubuze ivyuvuga bawihorera reka reka abanyeporitike turabazi nuko nyene bitoshika naweuhageze niko wokora aho ga mutama namba utarihana wewe nzi warahevye yangeso yokugandagura uwo wese wiketse kwagragukure rajambo wahora ukunda ngo kura urwafu muburo ngo kurabahemu wararbiretse imana izakundinde

  • Nukuri vyoSe tubihe imana nibaze kwiTanka abayo amarira turira irayabona.

  • Jewe ndatangazwa nukumva abacamaza bacimanza zangondigondi!!!Ikibazo ncanibaza,bobabaziko ubutegetsi butazohinduka?Namba naho buzohinduka bazosubira kwitwa abacamanza?Reta nayo twoyisabako yotwarira bose,gufunga abobatavuga rumwe siyonyishu yibibazo.Buraca bugacana ayandi.

  • Ntagitanganje kirimwo,Ubutungane bw’Uburundi nikobwama, muce mwiyumvira nyarucari ?ntakundi cambu cabwabunyegeri ngo:Niyurushana yaradusize. bazoteba bashikigwa kuko ruriy’ayabandi rutabibagiye.

  • Komera mutamawabose ariko umenyeko ariwewe dukeneyeko udutwara kuva mumwaka wa 2015 aba DD twabarushe namanyanga yabo ntawundi dusigaranye atari wewe Imana ikutuzigamirire mumatora ya 2015 bucatuvyereka amakungu kuko abarundi twifuza intwaro rusangi idakumira umukene canke uwonze niyo tunyotewe nawe ntawundi kizigenza wayo atariwewe mutama AGATON RWASA ndabifurije kugira ibihe vyiza.

  • Mutama komerakumuheto wirambire.uyumaka niwe tugiha abakwanka bakwandureko.ariko ube uriga ikibazo camatongo inyanza-lac

  • Yemwe yemwe abantu muraharara ubu mushaka Rwasa muramutore muzoba mumbwira nibutse abo yanigaguriye mumaso yanje ngoturiko turamurwanira nibenshi aboyajijije intara zabo ngonabanyembo kahise kawe ntawukayobewe.

  • Ubutungane bw’uburundi,n’ikibazo!

  • Sinzi impamvu Nkurunziza yabaye NKURUMBI,reka nkubarire ko nubona umutegetsi ari gukora nabi ntuzogire ngo niwe biba bitegwa nuwo bubakanye.ariko wamugani ugutwi kw’impene kumvakokejwe ariko kandi yibuke ko atawuhora kungoma,Kabira joseph arihe? Mobutu sese seko wa zabanga abarizwa mukihe gihugu? ntibagiye Juvenal Habyarimana!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
    Uwukebura uwazi ntamumarirako ibinonko.

  • Nivyiza tukibutsa amakungu ko hakiriyo nabandi bazize ivyiyumviro vyabo.

    Kandi tutabavugiye ntawuzobavugira

  • shaka wigumire mugacerere kuko. nabo baguhenda ngomurikumwe nuruhenda ntamuntu akuri inyuma numwe

  • Ahubwo abarundi turacihenda abo bagabo bose bivyamamare bari kwisonga ninkoramaraso zakaruhariwe nubwo tuzobandanya kuzishigikira ntizizoreka kutwiraramwo ahubwo yaba abarundi tutibagira ningoga uwoshaka yokwitorey ubwobugambwe butobuto bakumira butanaciy mwishamba gukora amaraso nayahandi tuzokwamira mugahinga noguhererAhubwo abarundi turacihenda abo bagabo bose bivyamamare bari kwisonga ninkoramaraso zakaruhariwe nubwo tuzobandanya kuzishigikira ntizizoreka kutwiraramwo ahubwo yaba abarundi tutibagira ningoga uwoshaka yokwitorey ubwobugambwe butobuto bakumira butanaciy mwishamba gukora amaraso nayahandi tuzokwamira mugahinga noguhererAhubwo abarundi turacihenda abo bagabo bose bivyamamare bari kwisonga ninkoramaraso zakaruhariwe nubwo tuzobandanya kuzishigikira ntizizoreka kutwiraramwo ahubwo yaba abarundi tutibagira ningoga uwoshaka yokwitorey ubwobugambwe butobuto bakumira butanaciy mwishamba gukora amaraso nayahandi tuzokwamira mugahinga noguhererAhubwo abarundi turacihenda abo bagabo bose bivyamamare bari kwisonga ninkoramaraso zakaruhariwe nubwo tuzobandanya kuzishigikira ntizizoreka kutwiraramwo ahubwo yaba abarundi tutibagira ningoga uwoshaka yokwitorey ubwobugambwe butobuto bakumira butanaciy mwishamba gukora amaraso nayahandi tuzokwamira mugahinga noguherere kumishito

  • igihe kirageze nambabitarengeranye ababenshi,abasuma,bantamikwijambo,ntakoze curyampaye akazi ashaka acankura batuvireho habubutungane kuribose tutaravye intara,amazuru kamugambwe.abivye intahe ihabwijambo,igihugu kibe acabeneco apana icibisuma

  • Ni Bande Batishe Murabo Bose Bashaka Canke Bamaze Kuronka Ubutegetsi?

  • Ni Bande Batishe Murabo Bose Bashaka Canke Bamaze Kuronka Ubutegetsi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.