Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa yashikanye ibisabwa mu kwitegura guhiganirwa ikibanza c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Rwasa yashikanye ibisabwa mu kwitegura guhiganirwa ikibanza c’umukuru (...)

Rwasa yashikanye ibisabwa mu kwitegura guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu

samedi 9 Rusama 2015

Abariko barahiganirwa ikibanza c’ukurongora igihugu, babandanya gushikana ivyankenerwa mu murwi w’igihugu ujejwe amatora CENI.

JPEG - 86.6 ko
Agathon Rwasa

Agathon Rwasa yatwaye nawe ibisabwa kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 9 Rusama uwu mwaka, mu murwi ujejwe amatora CENI. Agathon Rwasa akaba yaserukiye urunani Amizero y’Abarundi, aho ari kumwe n’ishami ry’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi, uwo nawo ukaba urongowe n’umushingamateka Karori Nditije.

Agathon Rwasa rero akaba yatwaye nawe ibisabwa kugira aze ahiganwe muri ayo matora, mu gihe abanywanyi biwe co kimwe n’abandi bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD, bahamagariye abarundi mu myiyerekano, yo kwanka ko Petero Nkurunziza yitoza mu kindi kiringo kigira gatatu. Iyo myiyerekano, abantu barenga kuri 15 baramaze kuhasiga ubuzima bwabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Agato Rwasa areba kure. Ni umugabo ntaho ahuriye n’inkozi zikibi zitwika abantu zibahora ubwoko bwabo kubera ari abahutu

  • Ntayindi nzira isigaye atari amatora nakare abarundi barayamaze bati:igiti ntikigukora mujisho kabiri,bonne chance.

  • Ww uvuga ngo batwika abantu ngo kubera abahutu nibaza ko uri umukozi wa Nkurunziza n’akarwi kiwe. Baryabicwa n’imbonerakure n’aba polisi bitwa iki. Ico womenya ní uko ubwo bwoko uriko ushir imbere ataco bumaz. Urazi abahutu Peter amaz kwica??? Menya ko umuntu wese tubuz aba ari igihombo kuko ari umuntu kandi umurundi. Urakwiye gukira iyo ndwara urwaye.

  • reka 2bemez abo ba cndd.fdd yamara ko cni ari iy,umukuruwigihugu ntaco dusha twokora yaratsinz yivy amajwi be na ndayicariy.ndongozi zacu ntimudut mukaga turangir inzira nyayo tuj mumatora cank tugume mumyirekano?àvs le clavier

  • Rwasaaaaaaaaaaaaa!!!! Oyeeeeeeee inzinzi ni gwawe Dawe twikureko uyo mukoni nkurumbi

  • Nimba nkuko vyandikwa imyiyerekano ifatiye kunvo zubwoko Rwasa ace akurayo abamuyoboka bose.kandi nkuko vyandikwa aha ko umugambwe CNDD-FDD uriko urategura jenocide mudusigurire abizokorerwa:nubwoko?ni toute opposition?abarwasa bazobamwo?

  • Nukuri jewe narinda vyizeye komutama adafa guhendwa riko nibazako manifistation atayahagarika yokomeza nabo bikabatekurukana .

  • mbe pitapita n’umuhutu? cank umututsi?irya mvugo yiw ?"_ukinnda ugaramye..........."

  • Ndamukeje Agathon Rwasa kuri iyo ntambwe.

  • Uburundi bukeney abagabo nka rwasa ! Inzira yamahoro ni amatora si manifestation canke guturira abantu.nibabandany kumbura barashobor kuvyicuza ic babikorey ! Irambir Nyakubahwa president uwukwank yihe umuti.

  • uko biri kwose’ twebwe abarundi turakeneye kwishira no kwizana. turakeneye gukora uvyacu mumutekano ntangere.
    aho bigeze Ubu twarushe kandi turipfuza kuruhuka.

  • Vyiza twokura mukanwa amacakubiri kuko vyatumye bamwe mubana b’urwanda bariko bangazwa nkibikoko bari bafise igihugu c’amavukiro.then uwuhaze urumogi ngo abahutu na batutsi!

  • Vyiza twokura mukanwa amacakubiri kuko vyatumye bamwe mubana b’urwanda bariko bangazwa nkibikoko bari bafise igihugu c’amavukiro.then uwuhaze urumogi ngo abahutu na batutsi!

  • Komera Rwasa Abakwanke Biyahure.Maze Abashingamateka Bawe Bazokwirikiz Amategeko.Muri 2semaines Tuzokora Vyinshi.

  • yego birakwiye, ninvyo koko . Abarundi barakwiye kureba ubifite umumaro.

  • Bonne Chance Monsieur Rwasa,

  • EHEEEEEEEE VYEMERE NIVYO ABANTU BAVUGA YA MUHE VYEMERE NIVYO AMATORA AZOBA MEZA CANE UKINDA UGARAMYE WICARA WUBAMA AMATORA AZOBA MEZA CANE VYEMERE NIVYO BURYA NTIMUZOPFE KUZA MURASUNGARA KUBANTU MUBURIRA MU GAHANGA VYEMERE PETER ARASENGA KANDI IMANA IRAMWUMVIRA KUBA IMANA IRIKO YOROSHA IMITIMA YABAMWE VYEMERE NIVYO ABASENGERA UBURUNDI BADAHENGAMA BARIHO VYEMERE NIVYO RWASA UREREKANYE ICIYUMVIRO CIZA ARIKO ATTETION PAR NDITIJE NINZOKA KANDI WONGERE UHANURE UMUVUGIZI WAWE MAGERA ATI REKA GUKURIKIRA ABO BASANZESHEKE NTUZOSUBIRE KWIGIRA TUMWE TWA 2010 WACA WANGARA UZOBUKOREYE NDITIJE

  • rero nibahagarike imyiyerekano abarundi barashoboye guca urwananiye ngoma,kuko ntayindinzira irashe atariy’amatora.

  • HEW GEND NAWE URABE KO WOTENTENT AMACHANCE NIKOBIMEZ.

  • Abantu biyumvira kwinshi ariko jewe sindi mubibaza ko gutanga dossier muri CENI kwa Rwasa bisigura ko ahevye manifestation, loin de loi. Il se dit que si une candidature de celui qui n’en a pas le droit, je veut dire celle de PITAPITA, a été déposée , àplus forte raison, celle de RWASA légale mérite de l’être. La candidature de PITAPITA par ailleurs, illégale, ne met pas fin au droit de RWASA de déposer son dossier. Ce qui est plutôt surprenant est le dépôt de la candidature de PITAPITA, illégale et non celle de RWASA. Comprenez alors que le dépôt de sa candidature n’est donc pas synonyme de retrait des manfestants de son parti, loin de là, il continue àsoutenir les manifestations. C’est pour que, au cas où lui et son équipe n’arrivent pas àévincer NKURUNZIZA qu’il puisse quand même participer aux éléctions. C’est une question de prudence et non de soumission àla regrettable sortie médiatique de PITAPITA.

  • Ntamuntu asenga yubahuka gusuka abapolice mubanyagihungu ngo babarase.mbega ayomaraso musesa mwibaza ko mutazoyabazwa.komera mutama gwasa IMANA iguhezagire.naho tuziko urimubarundi baburagizwa niyo ntwaro yigikenye

  • agiz neza gutanga dossier yiwe!ahejej kwerekan ko ariw abarund twizeyemw urukiza mu gushayur uburundi,natw tuzomutora!

  • Gwasa,korea kumuheto,ndakwijeje ko intsinzi ariyawe nyimba amatora atazohava yibwa.kk ibiri mwiki gihugu cacu c,uburundi ari ivyubusuma nuburyarya.ariko yesu nivyose.

  • Komera k’umuheto Mutama Rwasa we mizero ya Barundi. Naho ico gihweba Nkurunziza Pierre kimenyeko imyaka 10 yaheze. Ubu abarundi turindiranye igishika cinshi kugira Rwasa Agathon aze gusubiza abarundi umutamana. South Africa, Europe, America tutavuze I Burundi. Tuzogutora 100%. Naho uyo munyoni Nkurunziza atunzwe nubusuma no guca mubisaka. Ahirahire tuzomwerekako kudahaba Imbwa vyorora imisega. Viva FNL viva, Terimbere Rwasa Agathon Terimbere

  • Sha RWASA uranyeretse aho uhagaze nawewe nimba wemeye kujaku deposa nuko wemeye mandat ya 3 ariko nagomba ndakubwire kutakaje amajwi menshi kandi uze uzosezererwa nka cndd-fdd nkakurya urya muvugabutumwa yabivuze NYANGOMA arabatwara ntakibuza hama manifestation irabandanya naho wikuyemwo kushika nkurumbi ahevye mandat ya3

  • nyiye watu wamandamno wa bujumbura wilaya 5 kwa 129 je nyiye hata theruthi hamfikie acheni kelele zenu mweeee ...

  • Mumatama thank yu wewe niwe uburundi tugiye gutera iteka nutaduhemukira nkabandi nguzane modani obeyere kuko aho kumenya ko pawa irimuntoke zacu rero genda utubere hiro imboneza rwagasore yazanye ukwikukira bamuraba bwajisho ndadaye nawe ngo ntitwotwarwa nimanki ntibamenyeko aribwabwenge buke bwokwisamburirako nkimpene yarimutama jenera ciramaze

  • bandanya mutama imawna ikuje imbere.kandi ufashe cane iyo ngendo igayitse yabatagomba gusangira nabandi

  • Mutama Turinyuma Yanyu Ndabipfurije Intsinzi Nimwe Uburundi Bwari Burindiriye Shishikara Ushike Kure

  • Mutama komera kumuheto ejo niheza

  • Mutama turakwizeye imana irikumwe nawe we komera

  • Komera mutama turinyuma yawe kimw nsaba petero nkurunziza kudafata abarund nkabagererwa

  • Uwo nawe ivyiyumviro vyiwe nivyo mwishamba, ntaho twoba tuvuye canke tugiye. Abatama nka Ntiba, Cyprien, Minani, Canke mubakiribato boshobora gutezimbere igihugu nka Alexis Sinduhije nabandi nibo uburundi bukeneye.

  • Abo dushaka ko badutwara niba tubwire impavu bemey gushikana muri ceni ico bisisgura kand barundi nimusengere inama ya mercred murakoze

  • MUTAMA TUGOMBATUKWIZERE NAWETURABE ICO WOFASHA LIRALE NABARUNDIBOSE TERIMBERE USABE IMANA BIZOSOBOKA

  • MUTAMA NDAGUTEYE INTEGE WICUNGE NDAZI UZODUTWARANEZA PORITIKE ZIRARUTANA YIWAWE IRARENZE SENGUZORONKA

  • MUTAMA NDAGUTEYE INTEGE WICUNGE NDAZI UZODUTWARANEZA PORITIKE ZIRARUTANA YIWAWE IRARENZE SENGUZORONKA

  • MUTAMA NDAGUTEYE INTEGE WICUNGE NDAZI UZODUTWARANEZA PORITIKE ZIRARUTANA YIWAWE IRARENZE SENGUZORONKA

  • Kubikora Nivyiza,agatima Ariko!

  • Ahubwo yari yatevye abarundi n’amakungu niwe batezeko amaso gusa aragabe ntibazomuce murihumye nka 2010.

  • Ishallah Mutama Agato Gwasa Mukomeze Gusenga Muzostinda Imana Ibaje Imbere

  • Mutama agathon,mukomere na cane cane mukwiyamamaza nigihe c’amatora kuko warumvise ingene manasse yavuze kuvyamatora 2010?abo muhiganwa ubu ntibicara nagato,baguma barondera inzira bazonyuzamwo mugusubira gutsinda!kuko inzira yambere manasse yarayimenyekanishije uburero harageze nawe aho userukira abarundi mumakungu.iyo wicaye ukibaza kundirimbo zasohotse,<<bacemwo ntibabona>>ntakintu rikwigisha?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.