Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sierra Leone: Ibuye ry’agaciro k’imiriyoni zirenga 6 z’amadorari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sierra Leone: Ibuye ry’agaciro k’imiriyoni zirenga 6 z’amadorari (...)

Sierra Leone: Ibuye ry’agaciro k’imiriyoni zirenga 6 z’amadorari ryatowe

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Mu gihugu ca Sierra eone hatowe ibuye ry’agaciro riri mu bwoko bw’ubutare bwa diament rifise agaciro k’amafaranga agera ku miriyoni zitandatu z’amadorari y’abanyamerika.

Igisata kiraba ivy’ubutare mu gihugu ca Sierra Leone, kuri uyu wa gatandatu wa 22 Ruhuhuma caratangaje ko hatowe ibiye rimwe ry’agaciro rya mbere rizimvye ritari bwigere riboneka mu myaka 10 irangiye.

Iryo buye ry’agaciro ryatowe m’ubuseruko bw’igihugu ca Sierra Leone, rikaba rifise agaciro k’amafaranga agera ku miriyoni 6,2 z’amadorari y’abanyamerika.

Abakora mu gisata c’ubutare bakaba bamenyesheje mw’itangazo basohoye, ko yaba iryo buye rifise iforoma y’impande cumi, ryogize igiciro c’amafaranga agera ku miriyoni 12 z’amadorari y’abanyamerika.

Iryo buye rifise ama carat 153 rikaba ribaye irya kabiri ritowe mu myaka cumi irangiye muri ako gace inyuma y’iryari ryaratowe mu mwaka w’i 2013 rifise ama carat 125.

Mwomenya ko igihugu ca Sierra Leone gisanzwe kizwi k’ubutare bwaco bw’agaciro gifise butuma mbere hanagenderwa n’ingenzi zitari nke zinjiza imitahe mu gihugu. Mukibuka ko ari n’igihugu catowemwo mu mwaka w’i 1972 ibuye rya mbere kw’isi ry’agaciro (Diament).


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.