Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Abakozi ba ONU bagandaguriwe ku kibuga c’indege - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abakozi ba ONU bagandaguriwe ku kibuga c’indege

Somaliya : Abakozi ba ONU bagandaguriwe ku kibuga c’indege

mardi 8 Ndamukiza 2014

Abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Somaliya barishwe, bicirwa ku kibuga c’indege c’ i Galkayo mu karere ko Hagati muri ico gihugu, barashwe.

Abo bakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU umwe ava mu gihugu c’Ubufaransa uwundi nawe akavuga mu gihugu c’Ubwongereza. Nk’uko bishikirizwa na Nicholas Kay aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho muri Somaliya, abo banyamahanga bagandaguriwe muri ico gihugu ca Somaliya, bari abakozi bakuru bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho muri Somaliya, bakora mu gisata co kurwanya ibiyayuramutwe n’ubwicanyi.

Uwoba yaragandaguye abo bategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bivugwa ko yoba yari yambaye impuzu za giporisi, ariko bikavugwa ko yoba yari afise akagorane mu mutwe, ariko kandi bikavugwa ko yoba yarafashwe. Abo bagandaguriwe muri ako karere ka Galkayo, bakaba bari baroyeyo mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri, aho bategerezwa kubonana n’abategetsi batandukanye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.