Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Ikirimba c’umukuru w’igihugu catewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Ikirimba c’umukuru w’igihugu catewe

Somaliya : Ikirimba c’umukuru w’igihugu catewe

mercredi 9 Mukakaro 2014

Ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Somaliya kiri mu gisagara ca Mogadiscio catewe n’abihevyi b’aba islamu bo mu muhari wa Shabab kuri uwu wa kabiri, Imana ikaba yarakinze nta muntu wo kukirimba yahasize ubuzima.

Amakuru yo kwizerwa yatanzwe n’abajejwe umutekano mu gihugu ca Somaliya amenyesha ko ikirimba c’umukuru w’igihugu i Mogadiscio catewe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, ariko Imana ikaba yarakinze, kuko umukuru w’igihugu atariho yari. Abdi Ahmed, umwe mu bayobozi bajejwe umutekano, yamenyesheje ko muri ico gitero cabereye ku kirimba c’umukuru w’igihugu ca Somaliya, cagizwe n’abihevyi 9, bose bakaba barafashwe n’abajejwe umutekano w’igihugu baca baricwa.

JPEG - 30.6 ko
Ikirimba c’umukuru w’igihugu catewe umukuru w’igihugu Hassan Sheikh Mohamoud atariho yari

Nk’uko vyashikirijwe n’abajejwe umutekano, umukuru w’igihugu ca Somaliya Hassan Cheikh Mohamed yari yahungishirijwe mw’ikambi y’inteko za gisirikare ca AMISOM, igihe igitero caba ku kirimba iwe, akaba atariyo yari.

Mwomenya ko ico gitero cagirizwa abihevyi b’aba islamu bagizwe n’aba kamikaze.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.