Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOSUMO yimbuye amatoni arenga ibihumbi 21 y’isukari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > SOSUMO yimbuye amatoni arenga ibihumbi 21 y’isukari

SOSUMO yimbuye amatoni arenga ibihumbi 21 y’isukari

lundi 17 Kigarama 2012

Ihinguriro SOSUMO ry’isukari ryimbuye umwimbu ritari bwaronke kuva mu mwaka w’1988. amatoni ibihumbi 21. Uwurirongoye arabishima.

Ihinguriro SOSUMO ry’isukari riri mu ntara ya Rutana ryimbuye isukari irenga amatoni ibihumbi 23 vy’isukari muri uyu mwaka w’2012. Ni iryambere kuva mu mwaka w’1988 SOSUMO ishikana umwimbu nk’uyo. Ku mwaka uheze w’2011, hari habonetse amatoni arenga gato ibihimbi 18.

Uwurongoye SOSUMO Audace Bukuru amenyesha ko ari imboneka rimwe kandi ko mu myaka iri imbere, iryo hinguriro rizokongereza umwimbu cane kurusha aho.
Intumbero ngo ni iyo gushikira amatoni ibihumbi 35 ku mwaka hamwe no kugwiza imirima gushika ku ma hegitari ibihumbi 3.

Audace Bukuru avuga kandi ko iyimbura ry’uyu mwaka ryarangiye ariko ko n’ibindi bikaju biteye igomwe. Iyimbura ryo mu mwaka w’2013 ngo rizotangura mu kwezi kwa Rusama kugira imvura izoba iriko iragwa ari nyinshi yorohereze umwimbu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.