Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani: Amashirahamwe mpuzamakungu ariko aratabariza Meriam Yehya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani: Amashirahamwe mpuzamakungu ariko aratabariza Meriam Yehya (...)

Sudani: Amashirahamwe mpuzamakungu ariko aratabariza Meriam Yehya Ibrahim

mardi 27 Rusama 2014

Ababuranira umugore wo muri Sudani yaciriwe umunyororo wo kwicwa azira ko yubakanye n’umugabo w’umukirisu, bamenyesha ko uwo mupfasoni yavyariye mw’ibohero, inyuma y’aho aterewe muri yompi.

Meriam Yehya Ibrahim n'umutambukanyi wiwe Daniel Wani

Uwo mugore asanzwe yubakanye n’umugabo w’umukirisu yaciriwe urubanza rwo kwicwa mu ntango z’uku kwezi kwa Rusama i Khartoum ku murwa mukuru wa Sudani, inyuma yaho yanse guhakana idini ry’abakristu. Sentare ikaba yaciye ifata icemezo c’uko azicwa amanitswe, inyuma y’aho yaramaze imyaka 2 yubatse, none Imana ikaba yamuhaye umwana.

Twobamenyesha ko uwo mugore yakuze ari umukirisu, ariko abategetsi bo muri Sudani bakamufata nk’umusiramu, kuko ariryo dini rya se, naho atariwe yamureze kuva mu bwana bwiwe. Abaharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu, bakavuga ko ari akamaramaza, aho umuntu ashobora gucibwa urubanza nk’urwo, azira ukwemera kwiwe.

Meriam Yehya Ibrahim akaba yubakanye na Daniel Wani wo muri Sudani y’amaja Epfo wo mw’idini ry’abakirisu. Amashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu karere, yose akaba yahagurukiye rimwe mu gutabariza ko uwo mupfasoni yotabarwa, ntiyicwe amanitswe mu kuzira uburenganzira bwiwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • None muri ico gihugu, harvugwayo amajambo nk’uburenganzira, amategeko, urukundo n’ubwigenge? Abo bacamanza bize amategeko ameze gute? Iyo bica hose, urwo rubanza ruzohindura ivyiyumviro vy’abantu batari bake hamwe n’ubutungane muri ico gihugu. Amakungu ni akure hasi, uyo muntu agarukirwe hamwe n’abandi banigirwa mumenshi, kandi barahari.

  • Mbonimpa naje kumuvugira yemwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.