Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo : Abana 9000 nibo bajanywe mu mirwi irwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo : Abana 9000 nibo bajanywe mu mirwi irwana

Sudani y’Epfo : Abana 9000 nibo bajanywe mu mirwi irwana

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Mu gihugu ca Sudani y’Epfo abana bagera ku bihumbi icenda nibo bamaze kujanwa mu mirwi irwana hagati y’abarwanya Reta, no mu gisirikare ca Reta nk’uko vyemezwa na Navi Pillay umutegetsi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uyo mupfasoni rero akavuga ko imiryango myinshi imaze kwibwa abana babo, bakajanwa mu mirwi irwana, ndetse bamwe mu bavyeyi babo bana bakaba banakorerwa amabi atandukanye, nko gufatwa kunguvu. Bamwe mu bana baramaze kwicirwa muri iyo mirwano ihuza abasirikare ba Salva Kiir na Riek Machar yahoze ari icegera ca Salva Kiir. Uwo mupfasoni avuga ko amashure 32 amaze gutegurwa, kugira aze yakire abo bana bashirwa mu mirwi irwana.

Mwomenya ko umupfasoni Pillay amaze kubonana n’umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo aho bavuganye ku bijanye n’abo bana bajanwa mu mirwi irwana. Mukamenya ko mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko muri ico gihugu ca Sudani y’Epfo, ihonyabwoko riri ku rugi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.