Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani : Meriam Ibrahim yamaranye n’umuryango wiwe akanya urume (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Meriam Ibrahim yamaranye n’umuryango wiwe akanya urume (...)

Sudani : Meriam Ibrahim yamaranye n’umuryango wiwe akanya urume rumara

mercredi 25 Ruheshi 2014

Inyuma y’umunsi umwe gusa Meriam Ibrahim arekuwe, yaciye asubira gutabwa mu mvuto, afatiwe ku kibuga c‘indege c’i Khartoum mu gihugu ca Sudani.

Bivugwa ko Meriam Ibrahim n’umugabo wiwe bagira baje mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, ariko abantu bambaye impuzu zisanzwe bivugwa ko bakorera igendereza rya Sudani bagera kuri 40, bakaba aribo baciye babafata, bose n’umugabo wiwe bajanwa gupfungwa.

Gushika ubu nta n’umwe azi imvo yatumye uwo mukenyezi asubira gutabwa muri yompi, kandi yari yarekuwe n’ubutungane bw’ico gihugu, inyuma yaho yagirijwe ko ashurashura kuko afiswe n’umugabo atari mw’idini rya islam. Abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bakaba bariko barakurikiranira hagufi, basaba ko uwo mukenyezi yorekurwa co kimwe n’umugabo wiwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.