Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sygeco iriyamiriza ingendo y’amabanki yo kuvyaza inyungu ku yindi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Sygeco iriyamiriza ingendo y’amabanki yo kuvyaza inyungu ku yindi

Sygeco iriyamiriza ingendo y’amabanki yo kuvyaza inyungu ku yindi

mercredi 18 Kigarama 2013

Abadandaza bahurikiye muri sendika Sygeco bariyamiriza ingendo y’amabanki y’ubudandaji yo kuvyaza inyungu ku zindi. Nk’uko bivugwa na sendika ihurikiyemwo abadandaza ba sygeco, iyo ngendo iciye kubiri n’amategeko hamwe n’ivyari vyavuye mu nama rukokoma y’ubutungane yabaye mu kwezi kwa Myandagaro 2013.

Umukuru wa sendika sygeco, Audace Bizabishaka ariyamiriza ingendo y’ayo mabanki y’ubudandaji abandanya avyaza inyungu ku zindi .Yasavye umushikiranganji w’ikigega ca Reta kwibutsa ibanki ya Republika y’Uburundi ko ibwirizwa gukurikiza amategeko kuri ayo ma banki asanzwe atwarwa n’iyo banki nyene, niyo kandi ikwiye gushiraho amategeko kandi igahana ababa batayakwirikije .

Sendika y’abadandaza SYGECO ihamagarira abadandaza hamwe n’abagwizatunga kuhagabira kuko amabanki yatoye umukenyuro wo kugurisha ingwati zabo. Mbere sendika Sygeco bavuga ko mu nama rukokoma yabaye bari basavye ko itegeko ryo ku mwami ryo ku wa 21 munyonyo 1925 ryerekeye kugurisha icamunara, riteye kubiri n’ibgirizwa shingiro. Muri iyo nama bakaba bari basavye ko ryosubirwamwo kugira rise n’ayandi mategeko. Ntibumva rero ukungene amabanki ariko arategura kugurisha amazu amwe amwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.