Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: Uburusiya burasaba Amerika ivyemezo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Uburusiya burasaba Amerika ivyemezo

Syria: Uburusiya burasaba Amerika ivyemezo

dimanche 1er Nyakanga 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin, yasavye Leta zunze ubumwe z’Amerika kwerekana ivyemezo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko Leta ya Syria yakoresheje ibirwanisho vy’ubumara mu gitero ku barwanyi hafi y’igisagara ca Damas.

Putin yavuze ko bigoye kwumva ukuntu Leta ya Syria ishobora gutangura abayirwanya ikoresheje ibitero nkivyo. Umukuru w’igihugu ca Amerika, Barack Obama, yavuze ko ariko araraba ukuntu agira igitero kuri Syria inyuma y’amakuru y’igendereza avuga ko abantu 1429 bishwe kw’igenekerezo rya 21 Myandagaro uyu mwaka. Abagenzuzi ba ONU ku birwanisho vy’uburozi bari bamaze iminsi ine muri Syria begeranya ivyemezo ku biraba n’iyo gitero bavuye muri ico gihugu baciye muri Libani berekeza mugihugu c’Ubuholande, ku kicaro c’umuryango ushinzwe kurwanya ibirwanisho vy’uburozi.

Leta zunzubumwe z’Amerika zivuga ko abana bari mu bantu baguye muri ico gitero c’uburozi yagiriza Leta ya Syria ko ariyo yagiteye. Leta ya Syria ivuga ko ivyo bivugwa na Leta zunzubumwe z’Amerika ari ibinyoma, ikemeza ahubwo ko ico gitero cagizwe n’abarwanya Leta ya Syria.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.