Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yatanze imihoho

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yatanze imihoho

mardi 15 Gitugutu 2013

Inyuma y’imwaka itatu yari amaze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Terensiyo Sinunguruza yaraye atanze imihoho mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Terensiyo Sinunguruza yashimiye abo bari bamaze imyaka itatu bakorana muri Leta hamwe no mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Umugambwe w’abadasigana UPRONA ari nawo wari warungitse Terensiyo Sinunguruza muri Leta, hari haheze iminsi mike gusa umenyesheje ko ukuyeko amaboko uwo wari warizeye, umwagiriza ko atariko araserukira umugambwe wa UPRONA muri Leta, ahubwo ko yoba ashira imbere inyungu ziwe.

Bukeye rimwe gusa, ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru vyarasohoye urwandiko bamenyesha ko ingingo Terensiyo Sinunguruza yafatiwe itagira ifatiro, kandi abari inyuma yavyo ari akarwi k’abantu batatu kagizwe n’umukuru w’umugambwe Karori Nditije, icegera ciwe Felix Mboneko hamwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPRONA Gaston Sindimwo. Ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vyamenyesheje ko bazomenyesha ukuri kunyegeje inyuma y’iyo ngingo yari yafatiwe Sinunguruza.

Mu gatondo ko ku munsi w’ejo kuwa mbere, umukuru w’igihugu, abicishije ku muvugizi wiwe Léonidas Hatungimana, yasavye Sinunguruza kwibwiriza gukora ibikenewe inyuma y’aho ubuyobozi bw’umugambwe w’abadasigana UPRONA bumukuriyeko icizere co kuwuserukira muri Leta nk’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Ntiyatevye, ku mugoroba wo ku munsi w’ejo nyene ku munsi wa mbere, Terensiyo Sinunguruza yaciye asohora urwandiko amenyesha ko atanze imihoho mu mabanga yahoramwo y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

N’aho atashize ahabona ivyo yari yamenyesheje ko vyoba biri inyuma y’ingingo yamufatiwe, Sinunguruza yashimye uko yakoranye n’umukuru w’igihugu, hamwe n’icegera ca kabiri Gerevasi Rufyikiri. Yashimye kandi uko yakoranye n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yahora aramutswa, abashikiranganji, umuhuza w’abarundi, abashingamateka n’abakenguzamateka. Umurwi w’umugambwe ujejwe akarangamutima mu mugambwe UPRONA yawushimiye kubona warakiriye ibirego vyiwe n’aho wasanze bidafise ifatiro. Yawusavye kuzokwama ukemura ibibazo biri mu mugambwe wisunze amategeko.

Muri iryo tangazo ryasomwe ku mu munsi w’ejo na Gatarina Mabobori, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Terensiyo Sinunguruza yamenyesheje ko agiye kubandanya ari umudasigana, kandi akorera umugambwe muvyo ajejwe.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.