Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Thailande : Igisirikare cafashe ubutegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Thailande : Igisirikare cafashe ubutegetsi

Thailande : Igisirikare cafashe ubutegetsi

jeudi 22 Rusama 2014

Général Prayut Chan-O-Cha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Thailande yavugiye ku mboneshakure y’igihugu ko igisirikare gifashe ubutegetsi kandi ko kigenzura igihugu cose. Ibwirizwa shingiro ryahahora ryahagaritswe.

Ku mboneshakure y’igihugu, Général Prayut Chan-O-Cha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Thailande yamenyesheje ko igisirikare c’igihugu ca Thailande gifashe igihugu kugira gisubize mu buryo ibikorwa vya poritike bisunze amategeko ya gisirikare. N’aho yari amaze iminsi ahakana ko ashobora guhirika ubutegetsi, Général Prayut Chan-O-Cha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Thailande avuga ko yabitumwe n’uko n’inama zibiri yahamagaje hagati y’impande zitavuga rumwe mu biganiro vyo gukemura ibibazo vya poritike hagati y’izo mpande ataco vyashoboye gukiza mu bibazo bimaze amezi atandatu.

JPEG - 73.3 ko
Général Prayut Chan-O-Cha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Thailande

Général Prayut Chan-O-Cha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Thailande yabaye akimenyesha ko afashe ubutegetsi haca hasohoka amategeko mashasha ya gisirikare. Muri ico gihugu, nta banyagihugu barenga batanu barekuriwe guhagararana mu kibanza kimwe, n’amasaha y’ugutahirako yagabanutse. Abanyagihugu bazotegerezwa kuba bashitse mu ngo zabo igihe c’isaha zine z’ijoro, uruja n’uruza rusubire isaha cumi n’imwe z’agatondo. Ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’2007 ryakuweho, Général Prayut Chan-O-Cha, umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu ca Thailande akavuga ko ari mu ntumbero y’ugushobora gutunganya gushasha umutekano w’igihugu.

Inama nkenguzamateka izobandanya gukora ukuri kwamye, ariko Reta yose y’igihugu ca Thailande yabogojwe. Ibiganiro vy’insamirizi n’imboneshakure zose zikorera muri Thailande vyahagaritswe, bagategerezwa kuguma batanga amakuru y’ihumure ku banyagihugu ku mwanya ku mwanya.

Mwomenya ko ukwo guhirika ubutegetsi kugize ukwa 18 mu gihugu ca Thailande kuva mu mwaka w’1932. Umukuru w’igihugu yaheruka gukurwa ku butegetsi akaba ari Thaksin Shinawatra, mu mwaka w’2006.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.