Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tunisia: Umusore w’umushomeri yituriye aca arapfa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tunisia: Umusore w’umushomeri yituriye aca arapfa

Tunisia: Umusore w’umushomeri yituriye aca arapfa

mercredi 13 Ntwarante 2013

Umusore w’umunye Tunisia w’umushomeri yituriye ejo bivugwa ko yishwe n’ibikomere yatewe n’ubushe.

Umuganga wo kubitaro uwo musore Adel Khadri yariko aravurirwako ubushe bw’ikirenga, yavuze ko yapfuye mu gitondo c’uno munsi.

Bwana Khadri yituririye hagati mu murwa mukuru wa Tunisia ejo kuwa Kabiri, abigira yiganye Mohamed Bouazizi nawe nyene yituriye bigateza imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi, yakwiye hose mu bihugu vy’abarabu ubu haciye imyaka ibiri.

JPEG - 23.2 ko

Urupfu rwiwe ruje mu gihe hari uruhagarara muri politike ya Tunisia nyuma y’iyicwa ry’umukuru w’abatavuga rumwe na Leta.

Inama nshingamateka imaze kwemeza Leta nshasha igamije guhosha uruhagarara mu matora yo kuyigirira icizere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.