Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Twikingire indwara y’igituntu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Twikingire indwara y’igituntu

Twikingire indwara y’igituntu

vendredi 22 Ntwarante 2013

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, muganga Sabina Ntakarutimana, agerageza guhimiriza abarundi kwegera amavuriro abegereye mu gihugu cose mu gihe bokwibonako ibimenyetso vy’indwara y’igituntu.

Umushikiranganji Ntakarutimana ahamagarira abanyagihugu kutirengagiza kwipimisha ku mavuriro, umwanya uwariwo wose biketse ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buributsa ko igituntu ari indwara yandukira igaragazwa n’ibimenyetso bikurikira: inkorora y’urutavanako, ububabare mu mahaha, hamwe n’ukubira ivyuya vyinshi mw’ijoro. Abarwayi b’igituntu bari ku miti basabwa kutanywa itabi n’inzoga.

Ivyo akaba yabishikirije aho kuri uwu wa mungu igenekerezo rya 24 Ntwarante, Uburundi buzoba buhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igituntu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.