IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > U Burundi bwarahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo

U Burundi bwarahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo

jeudi 14 Ruhuhuma 2013

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2013, u Burundi bwarifatanije n’ibindi bihugu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo kw’isi yose washizweho igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2012 na UNESCO.

Uwo munsi ushitse mu gihe u Burundi bwateye imbere mubijanye n’iradio.Kubwa Simon Kururu umumenyeshamakuru akaba n’umuhinga mu bijanye no gutumatumanako amakuru,ngo abarundi bararonka amakuru n’intonde zitandukanye kubw’ama radiyo menshi yavutse mugabo akemeza ko hakiri ibikorwa vyinshi vyo gusubiramwo.

Simon Kururu anejerejwe n’igikorwa c’amaradiyo,yemeza ko izogumana ico kibanza kiri hejuru mugutumatumanako amakuru mu Burundi kandi ko ubuhinga bushasha bwo gutanga amakuru no gutumatumanako amakuru atangorane biteye.

Uwo munsi mpuzamakungu wahariwe iradiyo kw’isi yose wahuriranye n’ukwerekana k’umugaragaro igice ca kabiri ca PACAM,umugambi wishinze gushigikira ibinyamakuru mu mice itandukanye nko mu muce wo gutanga inkuru,mu muce w’ibigize ibinyamakuru eka no mubijanye no gutunganya amategeko ,nay,ubwigenge.

JPEG - 2.8 ko

Ku bijanye n’imyidogo y’ibinyamakuru bimwe bimwe kuvyerekeye n’uburyo buhari,Vincent Nkeshimana umukuru w’ishirahamwe ry’amaradiyo (ABR) asaba ko hoba ibiganiro hagati y’abafasha hama ko ibinyamakuru vyomenyesha imfashanyo bikeneye.

Kuri ako karyo, impapuro 59 (Certificats mu gifaransa) zaratanzwe kubamenyeshamakuru baronse inyigisho zatanzwe mu migambi PACAM yishinze.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.