Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi : ADC IKIBIRI itegekanya kwitwarira intwazangabo zibiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ububirigi : ADC IKIBIRI itegekanya kwitwarira intwazangabo zibiri

Ububirigi : ADC IKIBIRI itegekanya kwitwarira intwazangabo zibiri

lundi 16 Ntwarante 2015, par Egide N

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD bahurikiye mu runani ADC IKIBIRI baba mu mahanga barakoranye kuri uwu wa gatandatu mu Bubirigi kugira barabire hamwe inyishu z’ibibazo bihanze Uburundi muri iyi minsi bwimirije amatora. Abagize urwo runani bagabisha ko bazokwitwarira mu butungane mpuzamakungu intwazangabo zagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi, kandi ko bazokwihereza amabarabara mu gihe Petero Nkurunziza yoshikiriza icese ko azosubira kwitoza.

Mu gisagara c’Ububirigi, abarundi bo mu runani ADC IKIBIRI baje bava mu Bubirigi, Ubufaransa, Ubuhorande, Luxembourg, hamwe n’Ubwongereza bahuriye hamwe n’abasanzwe baserukira mu mahanga imigambwe nka FRODEBU, MSD, UPD, CNDD ya Leonard NYANGOMA, kugira barabire hamwe inyishu z’ibibazo bihanze Uburundi muri poritike.

Nk’uko vyashikirijwe na Pancrace CIMPAYE, mu ntambamyi zishobora gutuma amatora atagenda neza, canke ataba, abari muri iyo nama bagarutse ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ikarata y’itora, umurwi CENI ukora nk’uwutigenga, abatavuga rumwe n’butegetsi batariko baroroherezwa gukora poritike, hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho.

Abagize urunani ADC bamenyesha ko ibiganiro n’ubutegetsi bigishoboka, kugira igihugu ntikirwe mu ntureka, ariko bakavuga ko mu gihe ivyo basaba bitokwumvirizwa bazohamagarira abayoboke babo mu myiyerekano. Muvyo mu runani ADC IKIBIRI basaba muri rusangi, ni ukudasubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, ishirwaho ry’umurwi CENI wumvikanyweko na bose, irekurwa ry’abapfunzwe bazira poritike, itahuka ry’abanyeporitike bahunze igihugu n’ukubakurako ivyaha bagirizwa, hamwe n’ukwubahiriza uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro n’ugutunganya amanama.

ADC IKIBIRI mu mahanga igabisha ko ishobora kuzokwitwarira muri sentare ya Afrika y’ubuseruko canke muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (Cour Pénale Internationale : CPI) intwazangabo zibiri zegereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, zagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi, aho bakavuga Général Alain Guillaume Bunyoni hamwe na Général Adolphe Nshimirimana.


Jérôme Bigirimana

Messages

  • UBWO BUGABO BUBIRI BWARIGIZE SURIVU NGAHA MU BURUNDI BUNYONI NA ADOPHE UMENGO NIBO NTARE RUGAMBA YAGUYE IGIHUGU!!!ARIKO BAMENYE KO IVYO BAKOZE VYOOOSE BAZOBIBAZWA ..NTA KIRYOSHE NKO KUBA MU BURUNDI UFISE UBUTUNZI NKUBWO BAFISE ..ARIKO BARIHENDA NTAWUSOMERA INDURU IVUGA...BITWARIRE TUZOBASHENGEZE BISHURE ARIKO BAKWIYE GUFUNGIRWA AHO TUBABONA NIHO BOSIGA UMUGANI ..CPI IFATA ABANYORORO NEZA NTACO BOBA ..BAKWIYE KUBA IMBERE Y ABARUNDI..

  • Mbe ko uvuga abo gusa? Utwa KAZUNGU we ko nane agisibije?

  • batama mukunda uburundi na barundi ndabasa vye mwihute aba bagabo babiri mubitwarire hakirikare kuko baratuhekura niyo batahagurukigwa izonyankaburundi muzivire hasi hakirikare abo batindi bigirango nibo ben Imana

  • Batama komere uwomugambi niwo,shengeze abo bamenja kuko biyita kwaribo bica bagakiza,Imana ibaharire kuko bazobibazwa.

  • Murizey Kobizokorwa?Ikibazo Gitumberejw Kubari Muri ADC Ha Nibageragez Barabe Naho Mbona Umengo Amat8 Barayazibiy

  • iconovuga nuko muribipfammutima mute kwitwarira abishhe ndandaye mubure kwitwarira abamaze imyaka nimaka bashorera inkoho namabrende mubo baribajejwe gukingira abazinye abanyagihugu bari mumasoko bakabatemaggura ngomwitwarira bunyoni na adorfe ico mubahora kirazwi nuko imigambi yose mwagerageje mugutanguza imirwi irwana bayiburijemwo

  • iconovuga nuko muribipfammutima mute kwitwarira abishhe ndandaye mubure kwitwarira abamaze imyaka nimaka bashorera inkoho namabrende mubo baribajejwe gukingira abazinye abanyagihugu bari mumasoko bakabatemaggura ngomwitwarira bunyoni na adorfe ico mubahora kirazwi nuko imigambi yose mwagerageje mugutanguza imirwi irwana bayiburijemwo

  • haaaaa hihiiiiiii mbega abagabo 2 bishe abantu kuva 1972 kugeza 2015 mbega bunyoni na adorfe bishe ndadaye ? murantwengeje pe abahutu mwaravumwe nimana mwibagira ningoga reka abana babatutsi bbabakoreshe ninde yababesshe ko bunyonni na rucenge batinya rahe

  • Ahubwo abo bavuga ndadaye nabgarukana amacakubiri y ubwoko ntakibanza ntakibanza ntanijambo mugifise

  • REKATUBACIREKUMAYANGE CNDD FDD UKOYIPANZE: URAMUTSE WIYEMEJE GUHARANIRA IVYUHARANIRA UKORESHEJE UMUNWA TWIYEMEJE KUZOKWISHURA DUKORESHEJE UMUNWA, UKORESHEJE KUJA MUMABARABARA NATWE DUTEGEREZWA KUZOJAHAFIYIBARABARA TUKAREBA IVYOGIKOZA KUGIRANTIHAGIRE IVYUTWONONANA NKIVYONONEKAYE MUMYAKA YAHEZE, NIWAZOFATA IBIRWANISHO MAMAWEEE KUMIRYANGO YANYU NIHOBIZOHERERA MBERETURAKENEYE MUBITANGURE TUBEREKE URURUVYINOTWIRIRWA TURIRIMBA RWOKUBAZIMIRIZAKO UMURIRO UTARASHIKIRA ABABANYI TUMAZIGIHE KININI TUBABWIRA. CNDD FDD UWUTAYIZI ARAYIBARIRWA MWABONYE TWINUMIYE MUCAMWIBAZA NGOTURABAHISI!!!???.

  • MUZIKO NTARINZI IRIJAMBO RYOGUKURAMWO KAMWEKAMWE KONARINZI KORITOSUBIYE GUKORESHWA NUKUNTU MUMYAKA YAHEZE RYAKORESHEJWE GAKEGAKE KUGEZA RIMAZE ABANTURUNAKA? BIGADUTWARA ABANTUBESHI NIMYAKAMWISHI KUGIRA TWONGERE KUZIBIRA IKIRANGARE TWISAMBURIYEKO TWEBWENYENE UBWACU/ NONE UYUMUSI NGONIMURYOZE ADOLPH, KUYUNDIMUSI MURYOZE BUNYONI, KUYUNDIMUSI AZOBUYUNDI GURTYOGURTYO TWISENGEDUSEKA NGONIBAMUTWARE TUZOGIREGUTI DUSANGE IBINTUVYARAMAZE KUYOGERA, IBINTUMWENIVYO BIKOZWE NAKARWI RUNAKA SIVYIZA MBERE IBARIYINDI NYITO ITANGUYESHASHA ISUBIRIYE IYOKERA TWITA ABAMENJA AHOWASANGA UMUNTU MUBIKARUHARIWE ARIWE YITABANDI ABAMENJA! TWACIYEHABIBAVUKANYI NTAWOVYIFURIZA ABANDI, IBINTUKIVYO VYOGUTANDUKANYA ABANYAVYAHA NABAGOROROTSI NTIBIKORWA NAKARWI RUNAKA KANDI NTIBIZA ABANTUBAMEZE NKABATAVUGA RUMWE, MWENIVYOBIRAHEZA BIGAKORWA ABANTUBATURIYE.

  • mutwareyo nabishe Ndadaye kuko uyo Ndadaye adapfa ntabwo CNDD-FDD yarikubaho, mwegukoreshwa nabafite izindi nyungu zabo bwite.

  • abo bagabo 2 murabaziza ubusa iyo batababo ubu inpunzi ziba zicyuzuye mumakambi hanze yigihugu barakoze cyane tuzohora tubibashimira,kuko niyo wakena ariko uri iwanyu ntawe ukuvutsa uburenganzira uzira ubwoko utihaye.

  • nibaza ko mwobnyarutsa kuko abarundi bararushe nukwama babona bahekurwa imisi yose nizo nyanka burundi atakindi barota atari kwica nugutikiza ariko rero
    ndabona ko mwari mufashe ingingo nziza yo guca mubutungane kuko ibwiburundi bwbwo nubwabo .binyarrutse turinyuma yanyu

  • Emwe VYISI YABIVUZE IKIBIRI KIGOMBAKWINJIRA NOMUVYAGISODA?HAA!! EWE WAKIBIRI VAKO MUGISODA UMENGO BARASHINZE AMANSHIGA NIBATATUBADATANA MUNDAGANO

  • murahenda Cimpaye nayomwebwe mwiber’iburaya.tuz’ahotwavuye nahotugeze komutitwariraBikomagu’Busokoza’nabandi WeCimpaye’Cakenge’urekeguhemuka’kuberindandende’kandi ntacowamariye benewanyu gisumbico aboba’general’batumariye.

  • ABANYEPORITIKE YIHUTIRE KUMENYA IMANA,IGIHUGU NUMURIMA WABURI.MURUNDI,KORE CANE MURONKE UMWIMBU.UYU MUHINI MUSHASHA UTERA AMAVA,MBEGA?MURAZ IYO MWAVUYE,UMWE YAVUZE MUZOBUMBA TUMENA,YUDA NAWE MPAYOMAHERA,NDAYANYE NDAMUBARONKE!!,YESU.UMWANA W’IMANA NIDE?YOMUKORAKO.IZONAMA,ZUNYU.IMANA IRAZIHAGARITSE.MWITEGE,AKARURU KIMAKEDONIA,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.