Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ububirigi bwashikirije ingabire ubushikirangaji bw’amagara ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ububirigi bwashikirije ingabire ubushikirangaji bw’amagara ya (...)

Ububirigi bwashikirije ingabire ubushikirangaji bw’amagara ya bantu

mercredi 17 Ndamukiza 2013

Ugufashanya hagati y’Uburudi n’Ububirigi:Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaronse ingabire.Iyo mfashanyo igizwe n ‘ama bisi,imiduga mito,hamwe na ambiranse.

Ingoma y’Ububirigi ibicishije muri CTB, (Cooperatin technique belge),kuri uyu wa 16 Ndamukiza 2013 ,yatanze imfashanyo y’imiduga itandukanye, k’ubushikireanganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda sida.Umushikiranganji w’amgara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda sida yarashimye cane iyo ngabire y’ingoma y’Ububirigi, akaba yasavye abagiye gukoresha iyo miduga kuyikoresha neza kandi mugihe mubikenewe.

JPEG - 42.6 ko

Uwuserukira Ingoma y’Ububirigi mu Burundi Guy Oreux ,yamenyesheje ko batanze ama ambiranse 4,ama bisi 6,n’imiduga mitomito 5 mu ntara z’ubuvuzi za Muramvya,Kirundo,n’uwundi uzofasha ubushikiranganji,mu bugenduzi bw’amagara y’abantu.Yabandanije ashikiriza ko iyo ngabire, ihawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’Ingoma y’Ububirigi ije gufasha,cane cane ko Ububirigi bwiyemeje gushigikira igisata c’amagara y’abantu mu Burundi.

Muganga Sabine Ntakarutimana ,ku bwiwe yashimye cane bimwe bivuye k’umutima iyo ngabire y’Ingoma y’Ububirigi kuri Leta y’ Uburundi muri rusangi,ati n’ingabire y’akamaro ku gihugu cacu mu gisata c’amagara y’abantu .Yabandanije amenyesha ko ama bisi azofasha cane mu mashure y’igisha ivy’ubuvuzi,n’ayo ama modokari y’ukugenzura akazofasha mu ntara za Muramvya na Kirundo kubera ari nazo zifashwe mu mugongo n’umugambi CTB.

Yongeyeko ko ama ambiranse azofasha mu gutwara abarwayi kwa muganga mumwanya wa vuba .Muguheraheza akaba yasavye abagiye kuronka izo modokari kuzifata neza kugire zize zifashe abazigenewe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.